IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ingorane zivuye ku mpanuka zarongerekanye-Croix Rouge

Ingorane zivuye ku mpanuka zarongerekanye-Croix Rouge

jeudi 20 Kigarama 2012

‘’Birakwiye ko hokorwa ikintu kugira abantu bikingire impanuka’’,nk’uko vyashikirijwe mucegeranyo cashizwe ahabona na croix rouge mu Burundi kwigenekerezo rya 14 Kigarama 2012.

Mugihe umuryango utabara imbabare mu Burundi croix rouge wariko ushira ahabona icegeranyo kuvyerekeye impanuka ku wa gatanu igenekerezo rya 14 Kigarama 2012 ,mukigo cabo kiri mu Ngagara, waramenyesheje yuko mu mpanuka ziskika mw’isi yose ,kuruhande rumwe biva ku mpanuka zivuye kw’ihindagurika ry’ikirere ,kurundi ruhande naho ngo bikava kunyifato z’abantu zitabereye .

Ivyo bikaba vyatumye abari ngaho basaba ko umuntu wese kugiti ciwe yokora ibishoboka vyose kugira abantu ntibahitanwe n’izo mpanuka . Muganga François Xavier Buyoya arongoye croix rouge mu Burundi yaratomoye neza yuko izo mpanuka zivugwa ari iziva ku ngwano,kw’ihindagurika ry’ikirere bitumwe n’abantu babigira nkana canke bakabikora kubera ukutamenya.

Yaranamenyesheje kandi yuko muri iyi minsi izompanuka zongerekanye,akaba ari naco gituma croix rouge yaguye imihora mugukorera ku mitumba,eka mbere ikaba itegekanya gushika no mu miryango kugira bigishe bongere bafashe gukinga izo mpanuka bongere batabare vuba nabwa bwango abashikiwe n’izo mpanuka.

Kubwa Salvator Ntakiyiruta ,umuyobozi mukuru ajejwe ivyo gufatana munda mu bushikiranganji bwo gufatana mu nda,agateka ka zina muntu,n’ukunganisha ibitsina ,yarakengurukiye umuryango Croix Rouge mu Burundi ku ntererano yabo mugutorera inyishu ikibazo c’abarundi bariko batahukanwa ku nguvu .Ivyo rero ngo bikagaragazwa n’uruhara rw’uyo muryango mugikorwa co gutahukana impunzi z’abarundi zitahukanwa ziva mu gihugu ca Tanzaniya hamwe n’impunzi z’abarundi b’abanye congo.

Yarongeye kandi kumenyesha yuko ugutahukana izo mpunzi kunguvu bitera ingorane nyinshi amashirahamwe atabara imbabare hamwe na reta ,izo nazo zikaba ari ukwitwararika ukubaho kw’izo mpunzi hamwe no guhagararira uburenganzira bwabo,n’ibindi.


Marie Claire Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.