Accueil > Amagara y’abantu > Ingorane zivuye kukudahuza kw’imirwi y’amaraso kububakanye
Ingorane zivuye kukudahuza kw’imirwi y’amaraso kububakanye
mardi 25 Ruhuhuma 2014
Noba ndi mu murwi w’amaraso uwuhe? Ni ngombwa ko umuntu awumenya? Akamaro ko kuwumenya ni akahe? Hoba hariho ingorane zivuye ku kudahuza kw’imirwi y’amaraso hagati y’abubakanye? Ivyo ni bimwe mu bibazo abatari bake bibaza ku bijanye n’imirwi y’amaraso.
Naho abantu bose bafise amaraso asa co kimwe, ntibari mu mirwi imwe. Mu gisata c’ubuvuzi, bavuga yuko hari imirwi ine y’amaraso ariyo A, B, AB na O. Iyo mirwi yose, umwe umwe wose ugira ivyo bita "Rhesus positif na negatif", arivyo bica bigira imirwi umunani y’amaraso. Kugira umuntu amenye umurwi w’amaraso arimwo, ategerezwa kubanza kwipimisha.
Muti none ni ngombwa ko umuntu amenya umurwi w’amaraso arimwo?
Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru IGIHE kuri uyu wa kabiri wa 25 Ruhuhuma 2014, muganga Ndihokubwayo Georgette, icegera c’umuyobozi w’ikigo CNTS (Centre Nationale de Transfusion Sanguine) yamenyesheje ko ari ngombwa ko umuntu ategerezwa kuba azi umurwi w’amaraso arimwo.
Muti kuki? Inyuma y’impanuka umuntu ashobora kugira agasesa amaraso menshi bigasabwa ko bamwongerereza ayandi y’umurwi yarimwo. Hari n’izindi ngorane zikunda kwibonekeza mw’irondoka bivuye ku kudahuza kw’imirwi y’amaraso, bifatiye kuma rhesus y’imirwi itanywanye. Aho bikunze kwibonekeza kuri ukwo kudahura rw’amaraso "incompatibilite" ni mu gihe umukenyezi mu murwi w’amaraso aba arimwo, aba afise rhesus negatif. Ni ukuvuga ko mu maraso yiwe, atabasoda bakingira umubiri aba afise ariyo bita ama antigene yategerezwa gufasha uwo mukenyezi kwakira amaraso y’uwundi muntu baba badasangiye umurwi na rhesus.
- muganga Ndihokubwayo Georgette, icegera c’umuyobozi w’ikigo CNTS (Centre Nationale de Transfusion Sanguine)
Akarorero, umukenyezi afise umurwi w’amaraso A- yubakanye n’umugabo afise A+, umwana yibungenze agaca agira A+, ni ukuvuga ko muri uwo mukenyezi haba hinjiye muriwe ikintu kidahwanye n’umurwi w’amaraso yiwe, ari naho aca akora ama anticorps amukingira amaraso y’umwana yibungenze. Iyo rero abashikiwe n’izo ngorane batihutiye kwa muganga kugira baronke impanuro bokoresha canke imiti yo kwikingira, inkurikizi zica zibonekeza muri ico gihe, ni imbanyi ziguma zikoroka canke abana bapfa bakiri bato canke mbere ntasubire no gusama.
Muganga Ndihokubwayo Georgette agahamagarira abantu bose kwipimisha imirwi y’amaraso barimwo na cane cane kuri abo bipfuza kwubaka urwabo kugira bakingire amagara y’abana. Asaba kandi ko abantu bokwirinda kwihebura mu gihe basanze hari ukudahura kw’amaraso n’abo bubakanye.
Mwomenya ko ku mbanyi zose zisamwa, ibice 10 kw’ijana arizo zivuka, 90 kw’ijana zigakoroka. Muti kuki? Inkuru tuzobandanya kuzobashikiriza hanyuma
Mariella Bukuru
Messages
25 Ruhuhuma 2014, 15:10, par Nkurunziza jean claude
ndabaramukije:nitwa jean claude nkurunziza.nagira mbaze nti none bapimira iyo mirwi yamaraso ku mavuriro ayahe ku giciro kingana gute?mrakoze
25 Ruhuhuma 2014, 15:22, par Kira
niyaba muri i Bujumbura kwipimisha imirwi y’amaraso, ni mu kigo CNTS (Centre Nationale de Transfusion Sanguine ). kuwutanze amaraso bamupima ata mafaranga arinze gutanga. Niyaba muri hagati mu gihugu, murabaze ibigo CRTS centre Regionale de transfusion sanguine
25 Ruhuhuma 2014, 23:20, par Rukundo
Ndabashimiye muzohore mudushikiriza inkuru zitwigisha nk’izi nyene.
29 Mukakaro 2016, 21:15, par HATEGEKIMANA JOACHIM
NDABASHIMIY GOSE MWEBWE MWIZ IVY’IRONDOK RIJANY N’AMAGARA MEZ KWIZO MPANURO MWAMA MURIKO MURADUHA,TUBASABA KWAMA MUTUBA HAFI ,KUK BENSH AMAGORE BARAPFISHA ABANA ,BAKAVUGA KO BABAROGEYE ATARIVYO.MURAKOZ CANE IMANA IKOMEZ KUBONGEREREZA UBWENGE BWINSHI.MUGIRE UMUGISHA MUVYANYU NO MUBANYU.