Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Ingwe yarariye umuntu aca aritaba Imana mu bwongereza
Ingwe yarariye umuntu aca aritaba Imana mu bwongereza
samedi 25 Rusama 2013
Umwe mu bakozi bakorera mu mazu bororeramwo ibikoko mu gihugu c’Ubwongereza yitavye Imana inyuma y’ukuribwa n’ingwe agakomereka bikomeye kuri uwo wa gatanu, nk’uko vyamenyeshejwe n’igipolisi co muri ico gihugu kuri uyu wa gatandatu.
Sarah McClay w’imyaka 24 y’amavuko(umugore akiri muto asanzwe aturuka muri ako karere) yariwe n’ingwe kuri uyo wa gatanu mu ruzitiro rwa South Lakes Wild Animal Park iri Dalton-in-Furness mu buraruko bushira uburengero bw’igihugu c’ubwongereza. Yatwawe kwa muganga n’indege iri mu bwoko bwa kajugujugu aho yaragiye kwivuza ibikomere.
Igi polisi n’abategetsi bo muri ako karere batanguye amatohoza kugira bamenye icatumye imurya. Kubw’abajejwe amatohoza, iyo ngwe yaciye yugaranirwa mu ruzitiro rwayo inyuma yo kumurya
Iryo yororero ryaciye ryugarwa vyihuta baca basaba abari basanzwe bagiye kuratira ijisho bose gusubira iyo bavuye.
Prosper Ndayikeza
Messages
26 Rusama 2013, 15:42, par umusomyi w,igihe
Bibeshya ko ibikoko ari incuti zabo bajye bamenya ko igikoko ari igikoko kandi igikoko = interahamwe