Accueil > Inkino > FOOTBALL > Inkino z’umupira w’amaguru zizobera muri Bresil zizokwerekanwa zose kuri (...)
Inkino z’umupira w’amaguru zizobera muri Bresil zizokwerekanwa zose kuri RTNB
samedi 7 Ruheshi 2014
Abatari bake mu Burundi bari bafise umwikomo waho bazorabira inkino z’umupira w’amaguru zizobera mu gihugu ca Bresil. Abarongoye insamirizi n’imboneshakure y’igihugu bamenyeshejeko bazokwerekana inkino gushika ku ryanyuma.
Thaddee Siryuyumunsi arongoye insamirizi n’imboneshakure vy’Uburundi(RTNB)yakuye umwikomo abahora bafise ubwoba ko batazokwirikirana inkino z’umupira w’amaguru zizobera muri Bresil. Uwo mutegetsi avuga ibikenerwa vyose vyamaze gushirwaho, aha avuga ko n’inkino zizoba amasaha yitereye bamaze kubitegura neza.
Thadde Siryuyumunsi yibutsa abakunzi b’inkino ko imboneshakure y’uburundi ataco izosaba abo bose bazoba bariko barakwirikirana inkino. Arangiza ashimira abo bose bafashije kugira ivyo bikunde.
Mwomenyako ko hasigaye iminsi 5 kugira urukino rwa mbere ruzohuza igihugu ca Bresil na Croatie rube, hazoba ari kw’igenekerezo rya 12 Ruheshi, i Sao Polo.
Cherif Nkeshimana
Messages
8 Ruheshi 2014, 17:50, par paul
Turabishimye cane!!
9 Ndamukiza 2017, 14:32, par beni
krasiko izoba itariki zingahe
9 Ndamukiza 2017, 14:39, par beni
real izokina ryari cank bariserona itarikezingahe umusi waryari
11 Ndamukiza 2017, 22:01, par Antoine Ndikubwayo
Real Izokina Na Balecelona Kuwa 23|4|2017 Azoba Ari Urukino Rwa Karasiko
6 Nyakanga 2018, 22:21, par igiraneza styve
nivyiza cane ni too much