Accueil > Inkino > FOOTBALL > Aho inkino za CAN 2015 zigeze
Aho inkino za CAN 2015 zigeze
jeudi 22 Nzero 2015
Inkino za CAN 2015 zihuza imirwi nserukira bihugu 16 yo muri Afrika zirabandanya mu gihugu ca Guinee Equatoriale. Imirwi iriko ihura hagati mw’itsinda, kugira haboneke iyizobandanya inkino.
Imirwi yo mw’itsinda A( Congo Brazaville, Guinee Equatoriale, Gabon na Burkina Faso) iramaze guhura yose, imirwi yo mw’itsinda B( Zambie, Cap Vert, Tunisie na R D Congo) ikina uno munsi inkino zayo za kabiri ejo naho hazokina imirwi yo mw’itsinda C.
Inkino zo mw’itsinda B z’isaha cumi na zibiri z’ijoro kuri iri genekerezo zipanze uku gukurikira:
Isaha cumi na zibiri z’umugoroba(18h00)
Zambie- Tunisie
Isaha zitatu z’ijoro( 21h 00):
Cap Vert- RD Congo
Mwomenyako imirwi yo mw’itsinda B yari yanganije igitsindo kimwe ku kindi mu nkino za mbere.
Aho bukera kw’igenekerezo rya 23 Nzero
Isaha cumi na zibiri z’umugoroba(18h00)
Ghana-Algerie
Isaha zitatu z’ijoro( 21h 00)
Afrika y’Epfo- Senegal
Muri iryo tsinda, Senegal yatsinze Ghana 2-1, nayo Algeriya itsinda Afrika y’epfo 3-1.
Cherif Nkeshimana