Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Inkomoko y’amazina y’amezi mu kirundi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imico kama > Umuco > Inkomoko y’amazina y’amezi mu kirundi

Inkomoko y’amazina y’amezi mu kirundi

mardi 20 Myandagaro 2013

Umwaka ugizwe n’amezi 12. Ayo mezi akaba afise amazina. Ayo mezi mu Kirundi ni : Nzero, Ruhuhuma, Ntwarante, Ndamukiza, Rusama , Ruhenshi, Mukakaro, Myandagaro, Nyakanga, Gitugutu, Munyonyo, Kigarama. Ayo mazina akaba afise imvo yatumye yitwa uko.

Amamuko y’amazina y’amezi mu Kirundi ni menshi. Ukuyita uko yitwa bifise ico vyavuyeko. Amamuko yayo ni aya akurikira:

Ukwezi kwa 1, kwitwa Nzero (Janvier mu gifaransa) :
Iryo zina rivuye mu rivuga “Kwizera”. Muri uko kwezi abantu baba biteze umwimbu w’ivyo barimye mu kwezi kw’9. Mu yandi majambo, baba “bizeye” (kwizera) ukwimbura. Akenshi yaba ari umwimbu w’ibiharage.

Ukwezi kwa 2, kwitwa Ruhuhuma (Février, mu gifaransa):
Iryo zina rivuye mu rivuga “Guhuhuma”. Muri ukwo kwezi, ikirere caba cahindutse, maze bigatera indwara abantu. Abatama bo ugasanga barakorora, mu kuvuga bagahuhuma. Uko kweza baca bakwita Ruhuhuma.

Ukwezi kwa 3, kwitwa Ntwarante (Mars, mu gifaransa) :
Ni ukwezi wasanga ivyimburwa ari vyinshi cane. Umwimbu w’amateke, ibigori, imyungu, amasaka n’ibindi. Bagasoroma, bakikorera bimwe ibindi bakabitwara ku rwambukwe (avant-bras). Mu kubitwara bikagenda birakoragurika kubera ari vyinshi. Bati: ”Ndabitwara gute?”. Izina "Ntwarante" riba rivuye aho.

Ukwezi kwa 4, Ndamukiza canke Ndamukiriza ( Avril, mu gifaransa) :
Muri ukwo kwezi imvura yaba ari nyinshi cane, inzuzi zikuzura. Uwugiye kuramukanya ntayashobore kujabuka maze agaca abwira uwuri hakurya ati: “Urandamukiriza abari hakurya”.

Ukwezi kwa 5, Rusama (Mai, mu gifaransa) :
Muri ukwo kwezi, imvura iba iriko iracika. Igaheza rero ikarwa ibice. Ukayumva isuma impande yaho uri. Ugahura aho uri hariko haka izuba impande hariko harwa imvura canke aho uri hariko harwa imvura impande haka izuba.

Ukwezi kwa 6, Ruhenshi ( Juin, mu gifaransa) :
Ukwo kwezi guhura n’igihe imvura yacitse hatanguye igihe c’ici. Umuyaga uba ari mwinshi. Niho ndetse bavuga ngo “umuyaga w’impenshi”. Ico gihe kubera ibintu uyo muyaga uzana wasanga ari igihe abantu basara baba benshi ndetse n’imbwa zisara ari nyinshi ico gihe.

Ukwezi kwa 7, Makakaro (Juillet, mu gifaransa) :

Iryo zina rivuye mu rivuga “Gukakara”. Muri ukwo kwezi, ivyatsi biba vyumye (bikakaraye). Urusi (le sol) ruba rwase imigaga, rwagadutse. Ni igihe c’ici.

JPEG - 5.1 ko
Isi igadutse

Ukwezi kw’8, kwitwa Myandagaro (Août, mu gifaransa) :

Iryo zina rivuye mu rivuga « Kwandagara ». Ni ukwezi kuri mu gihe c’iyimbura. Ivyimburwa vyaba ari vyinshi. Ivyo bimbuye bimwe bakabitahana ibindi bakabisiga ku musozi vyandagaye kubera vyabananiye gutahana vyose.

Ukwezi kw’9, kwitwa Nyakanga (Septembre, mu gifaransa) :

Ni ukwezi imvura iba itanguye gutasura. Maze abatunze inka bakunda guturira ubwatsi (inshinge) ngo baronke umuyonga w’inka zabo. Kuko imvura ica ituma imuyonga unaga. Ni naho bakunze kuvuga ngo « imiriro ya Nyakanga ».

Ukwezi kw’10, kwitwa Gitugutu (Octobre, mu gifaransa) :

Iryo zina rivuye mu rivuga “Gutugutirwa”. Ni ukwezi kuri mu gihe c’ici n’imvura, aho haca hashuha rwose maze abantu bagatugutirwa.

Ukwezi kw’11, kwitwa Munyonyo (Novembre, mu gifaransa) :

Iryo zina rivuye mu rivuga « Kunyonyagira ». Ni igihe imvura iba itararwira rwose, iriko iratonyanga ariko kunyonyagira. Imvura iba iriko iratonyangira mu mirima ico bita « kunywesha imirima ».

Ukwezi kw’12, kwitwa Kigarama (Décembre, mu gifaransa) :

Iryo zina rivuye mu rivuga « Kugarama ». Bakwita « ukwezi kw’inka ». Muri ukwo kwezi inka zironka ubwatsi bwinshi. Na cane cane ko umuyonga waturiwe muri Nyakanga uba waranaze. Inka zikarisha zigahaga, zigashoka. Zihodotse bakazijana kuruhukira ku nama (zikavyagira). Abo hambere baca bavuga ko “zigaramye”. Arinaho haciye izina ry’ukwo kwezi.

JPEG - 10.6 ko
Inka zivyagiye ku nama

Izo nsiguro tukaba tuzikesha umwigisha w’ikirundi, Kabura Alexis.


INGABIRE Luc-Noël

Messages

  • Murakoze, Ariko ukweazi kwa 5 mwagusiguye, ariko ntimwashikanye neza; ukwa 6 n ukwa 9 nayo ntatahuritse neza! 2 Mbega ntimwogerageza kutugenekereza ukw ayo mazina y ayo mezi y igifransa asobanurwa mu kirundi?

  • Muvyo ukuri murakoze.Ariko ukwezi kwa 11 novuga ko mutakuvuze neza na cane cane kurivuga KUNYONYA,novuga ko ari ukuboza kuko imvura yaba yabaye nyi imirima yaranyonyera ni ukuvuga yarabora kuko imizi yaba yamaze gusoma nturi na canecane ibifise imizi mitomito kandi ayo mazina bayise amezi bafatiye k’Uburundi bwakera(UBURUNDI BWA NYABURUNGA) .NDUWAYO Jean-Berchmans i Bubanza-Buvyuko 69830801

  • Ikibazo Gitoya Mfise Kubijanye N’ Ikirangamisi. None Kwisi Yose Kigizwe N’ Amezi Cumi N’ Abiri?? None Hose Yitwa Kumwe? Ko Tubona Muburundi Bayahaye Izo Nsiguro; Ndetse Bakanashira No Muzindi Ndimi; Aho Bakoresha Izindi Ndimi; Ayo Mezi Afise Izo Nsiguro Abarundi Bayahaye?? Nimba Yoba Afise Izo Nsiguro; Ahari Ubugaragwa Twosanga Izo Nsigure Atari Zo!. Duhe Umuco Kurivyo Bibazo Murakoze!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.