Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Inkuru y’umubabaro ku Barundi n’abandi bahora baja kwivuriza ingwara ya (...)
Inkuru y’umubabaro ku Barundi n’abandi bahora baja kwivuriza ingwara ya Kanseri muri Uganda
vendredi 8 Ndamukiza 2016, par
Icuma kimwe conyene muri Uganda yose gikoresha imishwarara y’izuba mu kuvura ingwara ya kanseri mu buhinga bita « Radiotherapie », mu rurimi rw’igifaransa, cononekaye ubutagikorwa.
BBC ivuga ko ico cuma kiri ku bitaro vya Mulago ku murwa mukuru Kampala, cari kimaze gukorwa incuro nyinshi mu bihe biheze, ariko ubu uko bimeze, bikaba vyananiranye.
Igisata kivura ingwara ya kanseri mu gihugu ca Uganda kironka abarwanyi ibihumbi mirongo ine na bine ku mwaka, bavuye muri ico gihugu nyene, hamwe no mu bihugu bibanyi nk’Urwanda, Uburundi na Sudani y’epfo.
- Icuma kimwe conyene muri Uganda yose cahora gikoreshwa mu kuvura ingwara ya kanseri
Muri abo barwanyi bose bahora baja kwivuriza muri Uganda, hafi ibice bitatu vya kane baba bakeneye gucishwa muri ico cuma cononekaye ubutagikorwa.
Ico gisata gisaba ubushikiranganji bujejwe amagara muri Uganda ko hogurwa ikindi cuma, ariko bikaba bitaramenyekana igihe kizogurwa.
IGIHE
Messages
9 Ndamukiza 2016, 08:17, par karorero
Abo barwanyi nibo baguma badugekura muburundi rero kirakabona gipfuye ndabe basindumuja aho bazivuriza abarwanyi ibihumbi mirongo twaramba twe abaturage bavakwivuza bagateragira amagrenade??ndabarahiye nabo umengo mukubiswe ninkuba??
9 Ndamukiza 2016, 09:30, par umusaza
Wowe wiyise karorero ufise uburwayi bwo mu mutwe. Baguhenze ko ico cuma cavuraga abo mutavuga rumwe gusa? Harya mwe murafise urucanco rwa cancer ntimwayirwara ngo mugikenere?
9 Ndamukiza 2016, 09:33, par Bella
Mbega yemwe,burya abantu baragenda bahagaze tukibazako bakiri bazima ariko barapfuye. nk’uyu Karorero ahimbawe nuko ico cuma capfuye nuko wew aziko ata kanseri arwaye canke atazokwigera aja kuhivuriza.ariko na journaliste yandits ikisa ni abarwanyi canke abarwayi,nibazako ari abarwayi.kuko ntakuntu umuntu akwije mu mutwe yokwibazako ico cuma cavura "abarwanyi ". Karorero uri ikigwarudubi kweri!
9 Ndamukiza 2016, 18:42, par Ndinzemenshi
None n’iki kibura ngo Uburundi buronswe canke bugure icuma nk’ico cofasha abanyagihugu baja kwivuriza muri Uganda ?
9 Ndamukiza 2016, 21:36, par King
Ico cuma Numvaari Ciza Wewe p6
9 Ndamukiza 2016, 21:37, par King
Ico cuma Numvaari Ciza Wewe p6
10 Ndamukiza 2016, 09:16, par bobo
Ndumiwe gusa,karorero afise umubiri?
10 Ndamukiza 2016, 10:31, par BIZOZA
UBUGANDA BWINJIZA AMAHERA MESHI MUBISATA VYISHI, UBUSHIKIRANGANJI BUJEJWE AMAGARA NIBWIHUTE KUGURA IKINDI KUKO N’INGIRAKAMARO MU GIHUGU NO MUKARERE.
12 Ndamukiza 2016, 02:38, par None?
Jewe niyumvisemwo kubanokigurira mfatikanije nabotuvumvakumwe kuko nisunze ukwotuneze simbona amahera yotunanira yokukigura, niyabavyemewe rero ko abikorera utwabo bakigura nihagire turaje tuvyige. Ariko hariho ikosha tutazokora nkiryabaye kuri Auganda, kuko ntakuntu barikuba bafise abanwanyi bashika ibihumbi 40 ariko bakibagira kubabafise isandugu yogushiramwo amahera yokugura ikindicuma mugihe icarikihari capfuye. Jewe sinumva ukuntu icuma carigifise abanwanyi bangana gurtyo copfa hagahera imisibiri bataravugako batumyeko ikindi cokugisubiriza! Nimbacarikimaze nkumwaka umwe gitanguye gukora novyemera ntamaherameshi yogura ikindi caribwinjije ariko nambacarikirengeje imyaka ibiri twaridukwiye kwumvako capfuye atariko mumisi itarambiranye kiraba ikindi cashitse cokugisubirira.