Accueil > Inkino > FOOTBALL > Intamba mu Rugamba(U23) zasezeye amahiganwa
Intamba mu Rugamba(U23) zasezeye amahiganwa
lundi 13 Ndamukiza 2015
Umurwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba z’abaterenza imyaka 23 wakuwe mu mahiganwa n’igihugu ca Egypte. Hari mu rukino rwogusubiza rwabereye aho muri Egypte nyene.
- Intamba zifise munsi y’imyaka 23 zatanguye mu kibuga
Ibitsindo bibiri (2) vya Egypte ku busa bw’Uburundi (2-0) vyinjiye mu rukino rwo ku munsi w’Imana igenekerezo rya 12 Ndamukiza, ku kibuga Suez Stadium kiri muri Egypte. Amakuru ava aho muri Egypte avuga ko ibitsindo vya Egypte vyinjijwe n’abakinyi bambaye inomero 10 na 9.
- Abari bagize umurwi nserukira gihugu wa egypte batarenza imyaka 23
Ayo makuru avuga kandi ko abakinyi b’Intamba bavyifashemwo neza naho batsinzwe. Imbeho yari nyinshi aho muri Egypte nk’uko biboneka ku mafoto y’abakinyi bari barindiriye kugombora, bicaye bifutse uburengeti ku maguru. Intamba mu Rugamba zitarenza imyaka 23 zasezeye amahiganwa inyuma yo gukina n’ibihugu 2, Congo na Egypte).
Mwomenya ko urukino rwabaye ata murorerezi n’umwe yererewe kwinjira mu kibuga cariko kiberamwo urukino, kiretse abari bafise ico bajejwe mu nteguro y’urukino. Vyoba vyavuye ku mvo z’umutekano. Bitegekanijwe ko abakinyi bava muri Egypte kuri uwu wa mbere.
- Abakinyi barindiriye kugombora bifutse uburegeti kubera imbeho
Cherif Nkeshimana
Messages
13 Ndamukiza 2015, 11:03, par nkunzimana pierre
Ntagitangaje ntitwari kuba twatsindiwe iwacu ngo twizere gutsindira mumisiri.gusa ibijanye nabamenyereza birakwiye gukosorwa hakiri kare
13 Ndamukiza 2015, 15:06, par Nduwarugira Eric
ntakundi vyarikugenda.bakanzwe nimbeho baca bacika intege.
13 Ndamukiza 2015, 16:07, par Theophile hategelimana
ntakundi reka turindire mw ihiganwa twimirije aho tuzohura na Djibouti.turifurije intamba gutera imbera
13 Ndamukiza 2015, 19:06, par nduwimana abdul karim
ntakundi nibihangane niko bigenda natwe tuzobatsinda ikindi gihe.
13 Ndamukiza 2015, 20:00, par ndayokundaemmanuel@
ndababaye ariko ntakindi reka twakiri ntsinzwi turese namakosa yabatoza ndakrka ababijejwe.vyabahisomo.
14 Ndamukiza 2015, 01:38, par nicolas
Intamba nubwo zavuyemwo zirazi gukina gusa habuz umumenyereza abik8y kuk nta ngabo zitagira umutware.
14 Rusama 2015, 19:09, par hakizimana richard
abasi arakinaneza cane
21 Rusama 2015, 23:06, par Réverien
Ntakundirekatwihanganetwitegurenezatuzobacindemurindihiganwa
11 Ruheshi 2015, 20:36, par ELyse
Ndabasimiye Kumupira.Mukina Nubundi Muzotsinda Mbandanya Ndabafana.Nongera Ndabashimira Ok Mugire.Urukino Rwiza Mudutezimbere
13 Ruheshi 2015, 22:00, par hakizimana rambert
ntakundi nikwihangana
nikobimeze turabemera terimbere
nkumuzinga
17 Munyonyo 2015, 11:49, par 69220806
rambert hakizimana
11 Rusama 2016, 05:21, par hakizimana rambert
Te rimbere burundi turagushigikiye
13 Myandagaro 2018, 21:02, par Eric uwitonze alias nibebe
Ukub batsinzwe ntabwoba kuk ni evolution yinkin mu burundi bury tuzotsindirwa nabatoyi babo.