Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Intamba mu Rugamba "Senior" bazokwitaba urukino mu gihugu ca (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Intamba mu Rugamba "Senior" bazokwitaba urukino mu gihugu ca (...)

Intamba mu Rugamba "Senior" bazokwitaba urukino mu gihugu ca Tanzaniya

jeudi 24 Ndamukiza 2014

Urutonde rw’abakinyi b’Intamba mu Rugamba bafata urugendo baja guserukira Uburundi mu gihugu ca Tanzaniya rwaragiye ahabona. Urwo rukino ruzoba ari urukino rwa mpuzamakungu kivandimwe rwo kwitegurira igikombe co k’umugabane wa Afrika mu mwaka w’i 2015.

Abakinyi b’Intamba mu Rugamba bazagufata urugendo uno munsi w’igenekerezo rya 24 Ndamukiza bagana igisagara ca Dar Es Salama ahazobera urukino rwo ku munsi wa gatandatu w’igenekerezo rya 26 Ndamukiza.

Abakinyi batatu bakinira inyuma y’Uburundi biyongera kuri 15, abo ni nka Tambwe Hamissi avyifatamwo neza muri Simba SC na Didier Kavumbagu akina mu murwi Yanga Africa aho muri Tanzaniya. Harimwo kandi na Cedric Hamissi akina mu murwi wa Rayon Sport mu Rwanda. Bagiye hamwe bagira umurwi wa 18.

Urukino ruzohuza uwo murwi na Tanzaniya, ruri mu nkino zo gupima inguvu z’iyo mirwi narirya himirije inkino zo gukurakuranamwo mw’ihiganwa ry’igikombe ca Afrika co mu mwaka w’i 2015.

Abamenyereza Niyungeko Olivier na Ndayizeye nibo baherekeza umurwi w’Intamba mu Rugamba.

Abakinyi n’aba bakwirikira n’imirwi bakinamwo:

1.ARAKAZA Mc ARTHUR akina Flambeau de l’Est

2. MOUSSA Mossi wo muri Vital’o Fc

3. KIZA Fataki akina muri LLB

4. RUGONUMUGABO Stéphane wo muri LLB

5. NDARUSANZE Claude akina muri LLB

6. HARERIMANA Rashid wo muri LLB

7. NDIKUMANA Yussuf Lule wa LLB

8. BIHA Omar akina muri Vital’o FC

9. HAKIZIMANA Issa wo muri LLB

10.NKURIKIYE Léopold wa Inter star

11. NZIGAMASABO Steve wa Vital’o fc

12. SHABANI Hussein Tsabalala wo muri Flambeau de l’Est

13. Jumapili Idon wo muri Vital’o Fc

14.HAKIZIMANA Pascal akina muri Flambeau de l’Est

15. Amissi Cédric wo muri Rayon sport

16.NAHIMANA Shassir akina Inter star

17. Amissi Tambwe akina muri Simba Sc

18. KAVUMBAGU Didier wo muri Yanga Africa.

Tubibutseko Intamba mu Rugamba bafise munsi y’imyaka 20 bazokina urukino rwo gusubiza n’umurwi wa Djibouti ku munsi w’Imana w’igenekerezo rya 27 Ndamukiza ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore.


Chérif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.