Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Intamba mu Rugamba wabandanije amahiganwa ya CECAFA - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Intamba mu Rugamba wabandanije amahiganwa ya CECAFA

Intamba mu Rugamba wabandanije amahiganwa ya CECAFA

jeudi 5 Kigarama 2013

Umurwi nserukira gihugu w’umupira w’amaguru w’Uburundi, Intamba mu Rugamba waratanye mu mitwe ku munsi w’ejo kuwa kane n’umurwi nserukira gihugu waTanzaniya, urukino Uburundi bwatsinzwe. Hari mu nkino za CECAFA z’umwaka w’2013 ziriko zibera mu gihugu ca Kenya.

Ku munsi w’ejo kw’igenekerezo rya 4 Kigarama, igihe c’isaha indwi n’igice ku masaha yo mu Burundi, niho umurwi w’Intamba mu Rugamba watana mu mitwe n’umurwi "Kilimandjaro Stars" canke "Taifa Stars" wo mu gihugu ca Tanzaniya. Ku kibuga « Afraha de Nakuru » ca Nyerera, vyaboneka ko inyuma yaco hari abarorerezi bari ku rushi. Inyuma y’iminota umunani urukino rutanguye, umukinyi Bwana Samata akinira "Kilimandjaro Stars" yateye umupira, Arakaza Arthur atashoboye gufata, ico kiba igitsindo ca mbere canditswe ku murwi waTanzaniya. Igice ca mbere cagiye guhera Intamba mu Rugamba zitagomboye.

Igice ca kabiri caranzwe n’ugushaka kwinjiza ku mirwi yompi. Ariko vyaboneka ko abakinyi b’abarundi basa n’abarushe. Ku munota wa 56, Rashidi Harerimana yaronkejwe ikarata y’umuhondo itamubujije kubandanya urukino. Ku munota wa 63, habonetse amahirwe yogusubiza umupira mu kibuga uciye mu mfuruka, ivyo bita "Corner". Christophe Nduwarugira, ariwe Lucio, yinjije igitsindo mu rukino bakinye na Somaliya, yateye neza ariko ntacavuyemwo.

Iminota mirongo icenda yagenewe urukino yahavauye irangira ari igitsindo kimwe c’umurwi waTanzaniya ku busa bw’Intamba mu Rugamba (1-0). N’aho Intamba mu Rugamba zitashoboye gutsinda urwo rukino, zironkejwe amahigwe yo kuzobandanya mu gice ca kane c’inkino za CECAFA. Ku amanota 3 kw’icenda bafise, Intamba mu Rugamba zatowe kugira zibandanye inkino kuko mu murwi B zirimwo, hari ibihugu nka Somaliya bitagira inota na rimwe. Kugira rero imirwi ikenewe mu gice ca kane ikwire, basanze ico kibanza ari ic’UUburundi. Ayo rero ni amahirwe yiyongereye ku bakinyi b’umumenyereza Lotfy Naseem, aturuka mu gihugu ca Egiputa.


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Intamba zatsinzwe ariko zirabandanya parmi les meilleurs perdants!

  • Uyo muntu yashikirije iyi nkuru yakoze kuyimenyesha Abarundi, ariko yarakwiye kuyitohoza neza imbere yo kuyitangaza:
    1) Umugwi "Intamba Mu Rugamba" uracafise icizere hakoreshejwe gucagura umugwi watsinzwe wifashe(meilleur perdant).Iki kibanza na Zanzibar irakirindiriye, mugabo amahirwe menshi nay’Intamba Mu Rugamba;
    2) Umurwi wa Zambiya nawo waronse uburengazira imbere y’uko ukina na Somaliya kuko umaze kuronka amanota 4. Naho vyoba bishitse Somaliya igatsinda, ntishobora kurenza amanota 3.

  • Murakoze kuriyi nkuru, rero jewe umukino nawuravye ariko ntiwari uwo kwishimira muruhande rw’uBurundi, kuko abakinyi bacu ntiberekanye inkomezi wamenga n’umupira wo mwi Cite, mvuze uko ndavye iyindi migwi imipira yerekana, rero turakeneye conditions physiques na attaques iboneka, n’umupira professionnel. Murakoze.

  • hiii friend nashatse kubandikira ngo iyi nkuru muyikosore kuko intamba murugamba zaronse amahirwe yo kubandanya nka ba Meilleur Perdent juste mubikosore mwareba inkuru iri ku ndundi.com ok murakoze cane ni

  • Be mwandika inkuru mwatohoje atari ibishobisho. Murakoze kwikubita agashi.

  • Merci Monsieur Habona! Nari nabivuze ko abakinyi bacu biboneka ko ata nguvu bafise bantera ivyatsi. Burya inka ikamwa ico yariye.

  • Ntaco nibihangane kizima bashoboye kurengana 1/8. Harya mu mupira wamaguru hama hakoreka ibitangaza abantu bataba biteze. Nico gutuma mvuga ko no muri 1/4 boharenga. Tubashigikire gusa.

  • Kandiwosanga baciyebakora ibikorinka kubera bavuyekure!!!

  • Is cool ndabashigikiye numurwi wacu imana ibafashe bagere imbere

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.