Accueil > Inkino > FOOTBALL > Intamba mu Rugamba wiyerekanye ko atari ugupfa kwuririrako
Intamba mu Rugamba wiyerekanye ko atari ugupfa kwuririrako
mercredi 15 Nzero 2014
Umurwi w’Intamba mu Rugamba waraye utanye mu mitwe n’umurwi nserukira gihugu wa Gabon. Iyo mirwi yahejeje umwanya wagenewe urukino ry’umupira w’amaguru banganije ubusa ku bundi.
- Abakinyi bo muri Gabon "Les Pantheres"
Kw’igenekerezo rya 14 Nzero, igihe c’isaha 2 z’ijoro mu masaha yo mu Burundi, ku kibuga Peter Mokaba kiri ahitwa Polokwame, Intamba mu Rugamba Les Hirondelles zaratanye mu mitwe n’ingwe Les Pantheres zo muri Gabon. Urukino ntirwari rworoshe na gato kuko iyo mirwi yose yaniganira intsinzi. Ku ruhande rw’ingwe, bamwe mu bakinyi bavuga ko abakinyi b’Intamba mu Rugamba bakiri bato ko ari kuhagabira, abandi bavuga ko abakinyi b’inyuma ari bagufi ko bokina umupira wo hejuru. Ivyo vyose ntivyakunze kuko Intamba zari zakenyeye ziraguma. Icabonetse n’uko mu gice ca kabiri Intamba zaboneka ko zarushe. Urukino rwahavuye ruhera abakinyi b’umumenyereza Nasser n’aba Stephane Bounnguendza banganije 0-0.
- Umusatirizi w’umurundi Christophe Nduwarugira (umwambaro utukura) ntako atari yagize kugira arondere intsinzi y’Uburundi
Intamba mu Rugamba zizosubira gukina kw’igenekerezo rya 18 Nzero, uwo munsi bazotana mu mitwe n’umurwi nserukira gihugu wa Mauritanie.
- Daniel Cousin, umusatirizi wo muri Gabon yarabangamiye abakinyi b’inyuma b’Intamba mu rugamba
- Impande zose zarasatiriye bimwe bikomeye
Cherif Nkeshimana
Messages
15 Nzero 2014, 11:06, par PATI
ni vyiza cand twarabishimye!
15 Nzero 2014, 15:53, par burundi
Uburundi bwatewe iteka nabo bwibarutse nibakomere k.umuheto
15 Nzero 2014, 15:53, par burundi
Uburundi bwatewe iteka nabo bwibarutse nibakomere k.umuheto
15 Nzero 2014, 16:24, par Fernand Habimana
turanezerewe cane nukuntu urukino rwa nijoro rwaraye rukinwe umurwi wac w’intamba tuwuri inyuma kandi ntakeka dufise igikombe ndabona kizotahuka m’Uburundi.arikn nimba bikunda ko mubwira urya mumenyereza w’intamba arabe akinyi ikibanza co hagati ntibasubir kugita kand bahane distanc barek kugum ahant hamw umupir bawufash barek kuwuteran ubwob bituz gutyo tubone instinz kand turizeye IMANA izobikora
15 Nzero 2014, 16:37, par Fernand Habimana
turipfuza kwambara ijezi z’umurwi nserukira gihigu intamb murugamb mbega kumasoko zoba ziriho?natwe twipfuz gutez imbere umurwi wac kuk amafarang tugur ijez z’iyind mirw nimensh natw twipfuza ko twoz turagur ijezi z’umurw wac muntumber yogutez imber umurwh wacu sinz rero nkuwozishak ah yozikura?
15 Nzero 2014, 18:07, par Tollo
Rwose natwe tubino muri afrika yepfo twishimye icatunejereje baririvye indirimbo yigihugu neza cane maze bagiye mukibuga yoooo koko ni intamba inyuma zirugaye imbere oya gusa ikosa baribonye imana ibari imbere kandi abanyamakuru bavuze yuko twashitse tutinze kubera amikoro tutabashije kwitegurira uyo mukino bategetsi kuza ikino ni iteka cane cane iyo bagiye hanze kumativi wumva burundi gusa eka kumaradiyo burundi gusa gabon yo wamenga si hiri.
15 Nzero 2014, 19:58, par Www.R3g47
Intamba ni mwirambire imana izobageza imbere.ico nohanura coach nuko yobagirisha exercice physique kugira ntibazosubire kuruha match itarahera.kko barushe birashobora gutuma equipe yacu itsindwa.komera turinyuma yanyu!
16 Nzero 2014, 03:28, par Mama
Intamba murugamba komera turabashigikiye, kandimutumwe mbonako uburundi bukundwagose, vyanezerezacane umupira ufashwe numukinyi wintambamurugamba wacawumva nabantubatarabarundi bavuze mundimiziwabo nivyishimovyinshi ngo Burundi..........wumvanyene ko aribikunda kobifuza kwintamba murugamba zotsinda. Arikoharihumuntu yansekeje nagizeguti numvamugishingo cokuvuga ngo Intamba Murugamba,numvise avuzengo: Tamba Gamba’ ncanumvamwo ikirundi nikigande Tamba nimukirundi gutamba, Gamba nikigande mukirundi twovyitako ari vuga, arikovyaribiryoshe.
16 Nzero 2014, 07:32, par Sinzinkayo Jackson
Ni Birambire Tubari Inyuma
16 Nzero 2014, 18:07, par Congera
Yoo jw agatima kararuhuts urazukuntu narimaze imyakanimyaka ntabona uburundi mumahiganwa nkaya,nukuri Imana idufashe tuzorengane mbega nonwera hehe?bakinyi nimukomere ariko imyimenyerezo myinshi kugira ntimusubire kuruha murakoze!
16 Nzero 2014, 22:56, par Bosco
Wapi badahinduye ntaho turoshika kuko umura bakinye ntabwo warushimijeijisho
16 Rusama 2016, 13:51, par sudi
Nbabashigikiye