Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Intamba mu Rugamba zirahiye Amavubi yo mu Rwanda
Intamba mu Rugamba zirahiye Amavubi yo mu Rwanda
vendredi 28 Ntwarante 2014
Abakinyi b’Intamba mu Rugamba bari munsi y’imyaka 20 baraye batanye mu mitwe n’umurwi w’Amavubi yo Rwanda afise nayo nyene munsi y’iyo myaka. Muri urwo rukino rwa kivandimwe, Intamba zatsinze igitsindo kimwe ku busa bw’Amavubi.

Urukino rwa kivandimwe rwahuje imirwi y’Intamba mu Rugamba bafise munsi y’imyaka 20 n’Amavubi afise munsi y’iyo myaka rwabereye ku muhingamo w’uwo wa kane w’igenekerezo rya 27 Ntwarante i Kigali. Intamba mu Rugamba zaronse igitsindo mu gice ca kabiri aho umukinyi Mutabazi Hassan yambaye inomero 9, ari mw’ishuri ry’umupira w’amaguru Academie Le Messager yinjiza igitsindo cahavuye kivamwo intsinzi y’Intamba mu Rugamba ku busa bw’Amavubi.
Umumenyeshamakuru w’insamirizi Rema FM, Elyse Niyubahwe yari yaherekeje abo bakinyi, yamenyesheje ko Intamba zerekanye muri urwo rukino rwa kivandimwe ubuhinga bukomeye cane, aho ibitsindo bitari bike vyahatswe kwinjira. Elyse abona ko hamwe intamba mu Rugamba zobandanya uko zikongereza n’inguvu ata nkeka zishobora gutsinda umurwi wa Djibouti.
Mwomenya ko urwo rukino ruri mu myiteguro y’urukino ruzohuza uwo murwi w’Intamba n’umurwi wa Djibouti. Urwo rukino ruzoba ari urwo gutora imirwi izoja mu nkino za CAF zizobera mu gihugu ca Sénégal mu mwaka w’2015.
Eka n’Amavubi ariko yitegura guhura n’umurwi wa Gabon mu kwitegurira izo nk’ino za CAF zizobera muri Sénégal.
Umurwi w’Intamba mu Rugamba wari waherekejwe n’umushikiranganji w’urwaruka inkino n’imicokama, Adolphe Rukenkanya, hamwe n’uwurongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi (FFB) umukenguzamateka Réverien Ndikuriyo.





Chérif Nkeshimana
Messages
28 Ntwarante 2014, 13:32, par Thierry Bukeyeneza
Niteka Kuburundi Nabarundi Kuko Umupira Muburundi Urikuraterimbere Nibabandanye Babafatamumugongo Barashoboye
28 Ntwarante 2014, 19:33, par clay
komera bana b’Uburundi,muraduteye iteka,murahaye agaciro igihugu cacu.
Courage et bonne chance ku nkino zizokurikira.
28 Ntwarante 2014, 20:20, par schaaaa
comer ban buburundi murakwiye gukunda igihug catwibarutse
30 Ntwarante 2014, 20:30, par Ntakirutimana Immanuel
Biriya ntibibahe kwishima kuko mu Rwanda ntimutuzi buriya twagirango tubigeho turebe akinnyi murimo murera. buriya twabatahuye. (ariko ndabaramukije mwese abavandimwe b’abarundi)
16 Ruhuhuma 2017, 07:45
elyse