Accueil > Inkino > FOOTBALL > Abakinyi b’Intamba bahawe agashimwe n’icegera ca kabiri c’umukuru (...)
Abakinyi b’Intamba bahawe agashimwe n’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu
lundi 28 Ndamukiza 2014
Umurwi nserukira gihugu Intamba mu Rugamba bafise munsi y’imyaka 20 baraye batanye mu mitwe n’umurwi nserukira gihugu wa Djibouti bafise nabo nyene munsi y’imyaka 20. Urwo rukino rwo gusubiza, ruri mu rukwirikirane rw’inkino zo gutora imirwi izohiganirwa igikombe ca Afrika co mu mwaka w’2015 rwaheze ku ntsinzi y’Imntamba mu rugamba.
Urukino rwari urwo gusubiza ku rukino rwari rwabereye muri Djibouti mu kwezi kwa Ndamukiza igenekerezo rya 4, aho imirwi yanganije igitsindo kimwe ku kindi (1-1). Urukino rwabaye ku munsi w’ejo rwari rubereye ijisho. Igice ca mbere caheze ari ubusa ku mpande zose ariko haraboneka ugusatira kudasanzwe kw’umurwi w’Intamba mu Rugamba.
Igice ca kabiri catanguye ari gusunikana kudasanzwe, bamwe batwara irya, abandi ino, bose barondera igitsindo. Bakiri muri zuguruzuguru, ku munota wa 28 w’igice ca kabiri, umukinyi Mvuyekure Emmanuel yambaye inomero 10, yinjije igitsindo cahavuye kirangiza urukino. Icaboneka muri urwo rukino ni abakinyi bo hagati bavyifashemwo neza cane nka Sabumukama Enock yanateye umupira mwiza mw’izamu rya Djibouti agahusha igitsindo.
Urukino ruheze, ku gitsindo kimwe c’Intamba mu rugamba n’ubusa bwa Djibouti, n’umunezero mwinshi, icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu yari yishikiye ku kibuga, yaciye atanga agashimwe yarungikanye umushikiranganji w’urwaruka inkino n’imicokama nawe nyene yari kurorera urwo rukino.
Mwomenya ko iyo ntsinzi y’Intamba mu Rugamba yatanze uburenganzira bwo kubandanya, urukino rukwirikira ruzohuza Intamba n’umurwi Les Lionceaux wa Cameroun.
Tubibutse kandi ko Intamba mu Rugamba z’abakuze "Senior" batsindiye iwabo umurwi wa Tanzaniya ibitsindo 3ku busa bwa Tanzaniya, vyinjiwe na Kavumbagu Didier, Tambwe Hamissi bose bakina muri ico gihugu ca Tanzaniya, na kimwe ca Ndikumana Yussuf Lule akina muri Lydia Ludic Academic.
Abakinyi b’Intamba mu Rugamba batanguye mu kibuga ni :
18) Ndayishimiye Hussein
5) Niyonkuru Nassor
14) Bigirimana Issa
2) Uwayezu Nice-Francky
15) Moussa Omar
13) Mubango Trésor
10) MVuyekure Emmanuel
18) Ndayizeye Selemani
4) Sabumukama Enock
19) Nininahazwe Fabrice
9) Bizimana Hassan
Abakinyi ba Djibouti batanguye mu kibuga ni :
1) Omar Ibrahim
2) Daoud Wais Ali
3) Mohamed Daher
12) Kenedio
8) Childan Osman
14) Hamoud Ahmed
10) Warsama Houssein
7) Moussa Helemnohane
9) Yaben Idriss Moussa
18) Abbillai Hamadou
4) Djana Ilyas Hassan
Chérif Nkeshimana
Messages
28 Ndamukiza 2014, 22:59, par Djuma
abakinnyi bintamba turabakeje tubafatiye iryi buryo courage merci
29 Ndamukiza 2014, 06:17, par Mama
Murakaramba mwabakinyi bacumwe Imana ikomeze kubahezagira mwandikishije mumakungu ivyiza kubarunditwese turinyumayanyu turabashigikiye twese abarundi atanumwe avuyemwo.
27 Myandagaro 2016, 20:18, par Desir
Baknyeryar Enock Arik Nuwo Mur Messag?