Accueil > Inkino > FOOTBALL > Intamba mu Rugamba zatahukanye intsinzi
Intamba mu Rugamba zatahukanye intsinzi
lundi 23 Ruhuhuma 2015
Umurwi nserukiragihugu w’umupira w’amaguru Intamba mu Rugamba washitse ku kibuga c’indege ca Bujumbura mu gatondo ko kuri uwu wa mbere. Intamba mu Rugamba, abakinyi batarenza imyaka 23 batahukanye intsinzi bakuye muri Congo Kinshasa.
- Intamba n’abaziherekeje bashitse ku kibuga c’indege ca Bujumbura
Mu gatondo ko kuri uwu wa mbere niho umurwi w’Intamba mu Rugamba n’abari bawuherekeje bashika ku kibuga c’indege ca Bujumbura, n’umunezero mwinshi kubera batahukanye intsinzi. Urukino ruri mu nkino z’ikurakuranamwo mu nteguro y’inkino bise "Jeux Africains". Urwo rukino rwa mbere (aller), rwabaye kuri uwu wa gatandatu, Intamba zatsinze Ingwe (Leopalds) zo muri Congo Kinshasa igitsindo kimwe ku busa.
- Abakinyi b’Intamba batanguye mu kibuga
Muri urwo rukino rwabereye ku kibuga c’i Tata Raphael i Kinshasa, Uburundi bwatsinze igitsindo kimwe ku busa bwa Congo Kinshasa (1-0). Ico gitsindo cabonetse ku munota wa 50 cinjijwe n’umukinyi NSHIMIRIMANA Abassi. Umunyegori Madede nawe yagize ibitangaza mu gufata "Penalty" yatewe n’umurwi wa Congo hasigaye iminota mike kugira urukino ruhere.
- Fotos:Afrifame: Abassi Nshimirimana ahejeje kwinjiza
Tubibutse ko urukino rwo gusubiza ruzoba kw’igenekerezo rya 08 Ntwarante ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko RWAGASORE.
- Abakinyi ba Congo batanguye mu kibuga
Raba aha munsi amafoto yose yafashwe n’umumenyereza w’abanyezamu, Amidou Hassan
- Kaze Cedric avuga uko urukino yarushimye
Cherif Nkeshimana
Messages
23 Ruhuhuma 2015, 14:51, par claire
courage bana b’Uburundi. tuzoza kubashigikira inkoko niyo ngoma
23 Ruhuhuma 2015, 15:07, par jean claude ntakarutimana
Turikumwe namwe , iyo tubonye abigura igihugu hakagira iciza kivugwa biratusubiza iteka n’itekane bikatwibagiz amabwa amwamwe
24 Ruhuhuma 2015, 01:31, par Inkotanyi
Bravo Intamba mu Rugamba, courage mutsinde abo banyecongo... Bravo from rwanda
9 Rusama 2015, 01:56, par baki
intamba zizokina ryari na misiri
17 Rusama 2015, 10:43, par ndikumana_victor
intamba,bigezehe?
7 Ruheshi 2015, 14:23, par Saru
Zigezehe?
7 Ruheshi 2015, 14:25, par Saru
Zigezehe?munkino
7 Gitugutu 2015, 20:57, par Nzambimana Alexis
Jewe Numva Nezewe Kubona Intamba Murugamba Zatsinze Zirama Zitera Imbere
9 Munyonyo 2015, 21:13, par Irankunda Bruce Steve
Bit?Mwarashoboye Kutunezereza nubu turabipfurije Istinzi;tuzobasabira.
30 Munyonyo 2015, 19:38, par Isidore Ndayituye
Komera Cane <bandanya Mutsinda>