Accueil > Inkino > FOOTBALL > INTAMBA MU RUGAMBA ziteguriye kwakira RDC
INTAMBA MU RUGAMBA ziteguriye kwakira RDC
mercredi 14 Gitugutu 2015, par
Umurwi nserukiragihugu w’Uburundi mu mupira w’amaguru wasezereye abakinyi b’umurwi wa Seychelles, mu nkino z’ugukurakuranamwo, zitegura imirwi izoja mw’ihiganwa ry’igikombe c’isi yose mu mwaka w’2018. Uburundi bwiteguriye kuzoca bwakira umurwi nserukiragihugu wa Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo (RDC).
Mu rukino rw’ugusubiriza rwahuje umurwi w’Uburundi n’uwa Seychelles kuri uwu wa kabiri, ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore, Uburundi bwatahukanye intsinzi y’ibitsindo bibiri, ku busa bwa Seychelles, abakinyi b’Uburundi baba baronse amahirwe y’ukubandanya ihiganwa.
Igitsindo ca mbere cinjijwe n’umukinyi Abdul-Razak Fiston, asanzwe akinira umurwi wa Mamelody Sundowns wo mu gihugu ca Afrika y’Epfo. Ico gitsindo ca Penallty yacinjije ku munota wa 72 mu gice ca kabiri c’urukino, kw’ikosa ryari rikorewe Abassi Nshimirimana, umukinyi yari amaze umwanya muto agomboye, agashirwa mu kibanza carimwo Tambwe Amissi.
N’aho ikibuga cari kitameze neza kubera imvura nyinshi yaguye mu gice ca kabiri, igatuma urukino ruhagarikwa nk’iminota mirongo itatu, abakinyi b’INTAMBA MU RUGAMBA bagarutse mu kibuga babandanije kuvyifatamwo neza, babandanya gusatira izamu rya Seychelles, ku mipira myiza yariko iva hagati mu kibuga.
Ku munota wa 76, ahawe umupira mwiza cane na PAPY FATY, umukinyi wo hagati asanzwe akinira umurwi wa Bidvest University wo muri Afrika y’Epfo, Abdul-Razak Fiston yinjije igitsindo kigira kabiri c’INTAMBA MU RUGAMBA, urukino ruca ruhera ari bibiri ku busa bwa Seychelles, aho tukabibutsa ko no mu rukino rwa mbere uwo mukinyi nyene Abdul-Razak Fiston ariwe yinjije igitsindo cahaye intsinzi Uburundi ku busa bwa Seychelles.
- Abdul Razak Fiston
Uburundi buzoca buhura n’umurwi nserukiragihugu wa Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo (RDC), akaba azoba ari kw’igenekerezo rya 8 Munyonyo 2015, mu rukino rwa mbere ruzobera i Bujumbura.
Abakinyi b’INTAMBA MU RUGAMBA batanguye mu kibuga
Mw’izamu : Arakaza Mac Arthur
Abakinyi b’inyuma : Nsabiyumva Frederick, Nshimirimana David (yasubirijwe na Hakizimana Issa ku munota wa 79), Nizigiyimana Karim, Kiza Fataki
Abakinyi bo hagati : Ndikumana Y. Selemani (yasubirijwe na Nahimana Shassir ku munota wa 15), Kwizera Pierre, Papy Faty, Ndayisenga Fuadi
Abasatirizi : Abdul-Razak Fiston, Tambwe Amissi (yasubirijwe na Nshimirimana Abassi ku munota wa 66).
IGIHE
Messages
14 Gitugutu 2015, 16:00, par None?
Ndabishimiye abakinyi bumurwi nserukira gihugu cacu cu Burundi Intamba mu rugamba. Nubworero abomumaze gutsinda aribihangange mwitegute bikwiye kuko umurwiwa Congo urimu bihangange nawo arikomwishiremwoko muzobamuhuye nibihangange nkamwe.
14 Gitugutu 2015, 20:44, par NDAYISHIMIYE SAMUEL
TURASAVYE MUGARUKAN SAIDO NTIBAZONKIZ KURUKINO RUZODUHUZA NA RDC
14 Gitugutu 2015, 20:46, par NDAYISHIMIYE SAMUEL
TURASAVYE MUGARUKAN SAIDO NTIBAZONKIZ KURUKINO RUZODUHUZA NA RDC
14 Gitugutu 2015, 21:44, par Oscar
Natwe turashobora kumenyekana kweli!mana dutere natwe iryoteka!
15 Gitugutu 2015, 08:56, par reverien niyongabo
dutsinze seychelles ariko urubanza rusigaye nirwo rukomeye. ikibazo ca saido turakeneye ko kiva munzira.
15 Gitugutu 2015, 16:32, par mugisha erice
tutarose ntibazonkiza ngwaze adukize ntituzohava
15 Gitugutu 2015, 20:05, par ndiho ndiho
ndakej fiston akamana mu mu pira wa maguru mu bdi oyeee
15 Gitugutu 2015, 20:33, par NDAYIKEJE
Naho batsinzwe ndabitahura wokinira mugihugu atariciwanyu kirimwo nintambara ntutsindwe ? erega bakinanye ubwoba!
17 Gitugutu 2015, 11:26, par BARUTWANAYO Prosper Muhwazi
Mdipfurije Cane Intsinzi Intamba Mu Rugamba Kuri Uwo Wa 08/11/2015 Mbere Ntankeka Intsinzi Ni Iyacu
17 Gitugutu 2015, 21:12, par NIZIRAZANA JOACHIM
FISTON TERIMBERE NKUMUZINGA,BARABE IBIBACANISHAMWO BABISHIRE INYUMA BASHIRE IMBERE UKUMENYEKANA KUBUBUNDI MUMAKUNGU KANDI IMANA IBIKORE BATUMEKO SAIDO MURUKINO RWAKONGO.
22 Gitugutu 2015, 03:01, par NDAYISABAezechiel
TRAKEJE INTAMBA TWIPFUJE GUTSINDA CONGO 2KUBUSA
22 Gitugutu 2015, 16:29, par bertrand
ndabipfurij imigish IMAN Ibafash batsind cang
30 Gitugutu 2015, 00:08, par tiago balet
Nije tiago balet turazakubatsinda aba congomani ibisindo bitatu kubutsa
13 Munyonyo 2015, 10:55, par Yvan ndikumwami
Manjije gushimir zina mukinyi wese wi ntamba murugaba kurukino gwejo ukuntu bavyifashemwo neca harya haburana babiri hagatsindumwe naho tutashoboye gutahukana itsinzi nukuri intamba murugamba baratweretse umupira mwiza gose kand bakinye umupira wohasi. naho congo yashoboye gutahukana itsinzi ntamupira mwiza batweretse. hama ikosa umumenyereza w’intamba murugamba yokoze ntiyashoboye kuba yagomboza abakinyi kandi baribarushe. urabonayuko congo yashoboye kwinziza abakinyi batatu bose. Novugako arikokaryo bashoboye kuronka itsinzi. iconosaba umumenyereza w’intamba murugamba nuko murukino gwogusubiriza ntasubira kureka kugomboza kubera iyo ugombojije umukinyi yarushe ukinziza uwundi birafasha cane.ham numviseko intamba murugamba bafashe indege ibashikana i kinshasa nosabayuko abakinyi b’intamba murugamba yuko bokwikuramwo ubwoba kuko narabonye ejo urukino rutanguye muminota yambere abakinyi b’intamba murugamba baribafise ubwoba.nibareke ubwoba biyumveko irimace isazwe ibagumye umutima tuzotsinda.
3 Rusama 2017, 21:40, par Misigaro Fiston Fiston
Intambamuruganbazizokwakiraryaribakinyi Bazokwakirirakukibugacahe