IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Intambamyi ziracari nyinshi mu gisata c’irondonka rijanye n’amagara (...)

Intambamyi ziracari nyinshi mu gisata c’irondonka rijanye n’amagara meza

vendredi 21 Munyonyo 2014

Ukwisuzuma no kurabira hamwe ico batashizeko mu mugambi 2010-2014 (programme pays 2010-2014) kugira bitegurire umugambi w’umwaka w’2014-2016, nivyo vyakoranije kuva kuri uwu wa kane, abaserukira ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho irwirirana ry’abantu (FNUAP), Reta y’Uburundi hamwe n’amashirahamwe atandukanye.

Mu ntumbero yo kurabira hamwe intambwe bamaze kugerako (programme pays 2010-2014) mu bisata bitandukanye nko gukinda inda zitipfunzwa ku miyabaga, kugwanya amabi afatiye ku gitsina no kwigisha ibijanye n’irondonka rijanye n’amagara meza, ishirahamwe mpuzamakungu FNUAP, rifadikanije na Reta y’Uburundi, batunganije ihwaniro mu gatondo ko kuri uwu wa kane 20 Munyonyo 2014, hamwe n’ayandi mashirahamwe akorera murico gisata kugira bashobore kwisuzuma, bongere bategurire hamwe imigambi yo mu mwaka w’2014-2016.

Abagiye barafata amajambo bose, bagiye barashima iciyumviro c’iryo hwaniro rizobafasha kubona aho bakoze neza naho batashitse kugira abe ariho bazoca bashira imbere gose mu migambi ya kazoza mu mwaka w’2014-2016. Benshi bagiye baragaruka ku ntambamyi z’ukwemera (croyance religieuse) mu bijanye n’irondonka rijanye n’amagara meza, aho abanyagihugu batemera cane gukoresha uburyo bigishwa kugira bavyare ku rugero.

Uwuserukira ishirahamwe mpuzamakungu FNUAP mu Burundi, Ismael Mbengue yahamagariye abitavye iryo hwaniro kwisuzuma bikwiye kuvyo bamaze kurangura no gutegura imigambi ya kazoza mu mwaka w’2014-2016, bongere bihe amanota, aho akabaha akarorero ko kwibaza ko bishitse iryo shirahamwe mpuzamakungu FNUAP riramutse rivuye mu Burundi, inyuma yo kuba barigishije benshi, ko nabo bazoshobora kubandanya uwo mugambi.

Iryo hwaniro rikaba ryamaze iminsi ibiri gushika kuri uwu wa gatanu, barabiye hamwe ivyokorwa mu bisata bitandukanye vyitaho irondoka rijanye n’amagara meza, hamwe nivyo bagiye gushira imbere mu mugambi w’2014-2016.


Alida Sabiteka

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.