Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Centrafrika : ONU yateye ivyatsi igandagurwa ry’abantu ribandanya (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Centrafrika : ONU yateye ivyatsi igandagurwa ry’abantu ribandanya (...)

Centrafrika : ONU yateye ivyatsi igandagurwa ry’abantu ribandanya kwibonekeza

jeudi 23 Gitugutu 2014

Intambara zihitana abanyagihugu zirabandanya n’aho ishirahamwe mpuzamakungu ONU rifatanije na bimwe mu bihugu bakora ibishoboka kugira amahoro agaruke muri ico gihugu.

Abantu bagera kuri 30 bakaba bagandaguwe bunyamaswa n’umuhari utaramenyekana i Balaka, igisagara kiri hagati mu gihugu ca Centrafrika. Muri ico gitero, abantu bandi bagera kw’10 bakaba bakomeretse cane. Abo bantu bishe abo banyagihugu bakaba babandanije mu yindi micungararo y’ico gihugu bagenda baratera ubwoba.

Mw’ishirahamwe ONU bakaba bagiriza imirwi isanzwe irwana aho mu gihugu ca Centrafrika ko yica abantu benshi, umwe wose ukica abo wikeka ko bakorana n’abo bakebana. Muri ONU kandi bakaba babandanya kunegura iyo ngendo mbi yo kuguma hicwa inzirakarengane muri ico gihugu ca Centrafrika.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.