Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Intambo z’abakobwa n’abahungu bari mw’isanamu y’ururirimbo "Doda" (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Intambo z’abakobwa n’abahungu bari mw’isanamu y’ururirimbo "Doda" (...)

Intambo z’abakobwa n’abahungu bari mw’isanamu y’ururirimbo "Doda" zirayobeye

lundi 16 Ruhuhuma 2015

Umuririmvyi Mr Champagne yasohoye isanamu y’ururirimbo "Doda", habonekamwo abakobwa batamenyerewe nk’abaririmvyi ariko bakunze kuboneka cane mu masanamu batamba canke bakora ibindi vyo kuyaryosha.

Isanamu yasohotse irimwo intambo zitangaje aho n’indirimbo ubwayo ata butumwa butomoye burimwo kiretse kwitambira kw’abahungu n’abakobwa bari muriyo. Ururirimbo rwakozwe na Mr Champagne yiyita Fally Ipupa w’i Burunda n’uwitwa G Bo, rwitwa "Doda". Igice kinini carwo, baririmba"Doda" gusa. Divine atazwi nk’umuririmvyi ariko azwi cane mu masanamu menshi ariko atamba cane cane atambisha ibisusu, aboneka mu ruririmbo "Doda". Aba n’abandi baribaza ko Divine avukana n’umuririmvyikazi Natacha yoba ari umuririmvyikazi nawe canke ko yoba afise ingabirano yo kuririmba ariko akaba atari bwayiyumvemwo.

Isanamu rero ibonekamwo intambo zishusha n’izitambwa n’abaririmvyi bo muri Congo, nk’ako Mr Champagne akunze kwereka cane mu ndirimbo ziwe ishusho y’imidiho n’intambo vyo muri Congo.

Raba aha munsi intambo iri mu ruririmbo "Doda"


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.