Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
“Integuro y’itegeko rigiye kugenga abamenyeshamakuru ntiyubahiriza (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > “Integuro y’itegeko rigiye kugenga abamenyeshamakuru ntiyubahiriza (...)

“Integuro y’itegeko rigiye kugenga abamenyeshamakuru ntiyubahiriza Demokarasi”

vendredi 5 Ndamukiza 2013

Inyuma y’aho inama nshingamateka yemereje integuro y’itegeko rigenga umwuga w’ukumenyesha amakuru, risubirira itegeko ryo muri Munyonyo 2003, umubabaro ni wose muri uwo muryango.

Innocent Muhozi, umukuru w’urwego rugenzura itangazamakuru mu Burundi, abamenyeshamakuru ntibarota bavuga aho bakura amakuru batangaza kuko ku bwiwe, ivyo bitandukanye n’ibwirizwa shingiro ritanga ubwigenge ku bamenyeshamakuru iyo bariko barangura umwuga wabo.

Ku kibazo c’amande azotangwa n’abazoba barenze amategeko, Innocent Muhozi avuga ko ari umurengera( gushika ku miliyoni umunani z’amafaranga y’amarundi). Amenyesha ko ivyo bisa n’intumbero yo gushaka ko hari abazokwugara kuko atari bose bazoshobora kuronka ayo mafaranga.

Mu runani rw’abamenyeshamakuru, bizeye ko inama nkenguzamateka izotosora iyo nteguro y’itegeko, igakuramwo utunenge twose turimwo. Ivyo bishikirizwa na Alexandre Niyungeko umukuru w’urwo runani.

Tubibutse iyo nteguro yemejwe n’abashingamateka igenekerezo rya 03 Ndamukiza 2013, bikaba vyitezwe ko abakenguzamateka baryemeza nabo imbere y’uko umukuru w’igihugu aterako igikumu


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.