Accueil > Ubutunzi > Integuro y’itegeko isubiramwo amafaranga Reta ikoresha yatowe hari (...)
Integuro y’itegeko isubiramwo amafaranga Reta ikoresha yatowe hari abasohotse
jeudi 31 Mukakaro 2014
Inama nshingamateka yemeje integuro y’itegeko isubiramwo amafaranga Reta izokoresha. Ayo mafaranga akaba agera ku mafranga y’amarundi agera ku miriyaridi 1400, ni ukuvuga ibice 3 kw’ijana vy’amafranga Reta izokoresha.
Ku muhingamo wo kuri uno wa gatatu, igenekerezo rya 30,abashingamateka bize bongera baremeza integuro y’itegeko isubiramwo amafranga Reta izokoresha. Ariko rero abatari bake yaba abo mu mugambwe utavuga rumwe n’ubutegetsi hamwe no mu mashirahamwe adaharanira ivyocaro vya poritike, babona ko iyo nteguro ije kunigira mu mpeshi umunyagihugu yarasanzwe akenye. Umushingamateka wo mu mugambwe Frodebu Nyakuri yamenyesheje abamenyeshamakuru ko atashoboye kwitaba ivyo bikorwa, kuko inyungu z’abanyagihugu zitafatiweko. Ku bwiwe iyo nteguro y’itegeko ije gutuma ubuzima bw’umunyagihugu buzimba gusumba. Agira ati :’’ Iyo abantu bakenye baratubika umukanda, na Reta rero iyikenye yari ikwiye gutubika umukanda, aho kuja kuyarondera mu banyagihugu.’’
Gabriel Rufyiri arongoye ishirahamwe OLUCOME nawe nyene abandanya yiyamiriza iyo nteguro y’iryo tegeko, ku bwiwe ije guhamba umunyagihugu kuko ije reta ije gusaba amakori abantu batayafise agira ati :’’ Reta iguma irondera na ntaryo kununuza umunyagihugu ,iyo nteguro y’itegeko kandi igarukana ingingo zafashwe mu gihe c’intambara mu mwaka w’1998. Ivyo rero bisa n’ugukama inka ataco wayigaburiye, uba uriko wica ibere’’. Ndetse umukuru wa OLUCOME yashimiye abashingamateka bataritoye .
Tubamenyeshe ko abashingamateka 81 nibo baritoye, 13 bararihakana, hamwe n’umwe atagize ico arivuga ko. Tubamenyeshe kandi ko iyo nteguro y’amafranga Reta izokoresha yatowe abashingamateka bo mu mugambwe FRODEBU Nyakuri n’umugambwe UPRONA basohotse.
Floxella Karire
Messages
31 Mukakaro 2014, 13:52, par roza kamikazi
Ico nobabarira bazoteba babura aho bakura batebe bandandaze nutwo bambaye n ivyo bafise none wewe worondera gukama inka utayigaburira hewe gihugu cacu aratwawe pe nabacangero .
31 Mukakaro 2014, 14:56, par nwari
Nduza twebwe abahutu turi beshi kandi tumerewe neza ncane ??ntidushobora kureka petero wacu ngwakene ???ubwo butwa nu bututsi nakazikabwo ??jewe muhutu ndadinashwe????DD wewe ndakubwire huui 2015 naho vyogenda gute utegerezwa kutuvako
31 Mukakaro 2014, 15:00, par Abdoul.karim.3
Izombura k’imazi ntasoni bagibise youuuhuuu muratumaramaje gose.
31 Mukakaro 2014, 18:47, par uwubizi
Le peuple burundais a les dirigeants qu´il mérite kuko ndazi ko bazongera kubatora uko nyene.
31 Mukakaro 2014, 19:39, par UMWAMI
Mukinda mugaramye canke mwicara dutegerezwa kubayobora gushoka mufashe umurongo mwiza!!!,nwari,roza kamikaze.Abdoul karim,nimutekereze ,burya mwiki gihugu kirimwo abagabo bijunja nijambo.reka guta umunwa.
1er Myandagaro 2014, 08:12, par King of bad
Nwari ndahari kandi ntamakuru ntasoma naho ntakomanta kuberiki utigera utanga comentaire nzima tekereza man c’est notre temps.zikonwa zibweja!!
3 Myandagaro 2014, 13:24, par Claude
Nta nama nshingamateka dufise ni igikoresho ca CNDD-FDD,murambwira ko murabona itegeko badahurizako bose?Ni udusimbirahamwe,twa niryo twose.
Nkubwo bwiyita King of bad,Umwami na bumwe ngo ni mama sinzi ko bufise ubwenge bukora