IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Integuro y’itegeko ry’ukurekurira abacukura ubutare mu nama nshikiranganji

Integuro y’itegeko ry’ukurekurira abacukura ubutare mu nama nshikiranganji

jeudi 17 Gitugutu 2013

Mu nama nshikiranganji irongowe na nyakubahwa Petero Nkurunziza umukuru w’igihugu, ibibazo bibiri nivyo vyarabiwe hamwe, harimwo ic’ugutanga uruhusha rw’ugucukura ubutare bwa Nikel buri i Waga na Nyabikere co kimwe n’ibijanye n’uburyo bw’ukumenyeshamakuru mu buryo bushasha bwa numérique.

Muri iyo nama nshikiranganji yabaye kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 16 Gitugutu, umushikiranganji w’ubutare n’agataka amaze gushikiriza ibijanye n’icukurwa ry’ubwo butare bwa Nikel i Waga na Nyabikere, itegeko rikaba ryaremejwe n’abashikiranganji.

Inyuma y’aho hakaba haciye hemezwa itegeko ry’umugambi w’ukumenyesha amakuru hakoreshejwe ubuhinga bwa numérique nk’uko vyashikirijwe n’umupfasoni Leocadiya Ninkazi umushikiranganji w’ukumenyesha amakuru.


IGIHE

Messages

  • turagize mwiriwe iryo tegeko nivyiza cane ariko abanyagihugu baragabe kuko turafise ubwoba kuko inyugu nyinshi zategereza kuba izabanyagihugu ariko bizohava bihinduka inyungu zibe izabantu bari kurushi .

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.