Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Inteko za ONU zigiye gushika muri congo (RDC) mu mpera z’ukwezi kwa (...)
Inteko za ONU zigiye gushika muri congo (RDC) mu mpera z’ukwezi kwa 4
jeudi 18 Ndamukiza 2013
Nk’uko vyamenyeshejwe n’umuvugizi wa gisirikare ca monusco ,imbere y’impera z’ukwezi kwa Ndamukiza I bataillon imwe y’abasoda bazoba bashitse muri republika iharanira demokarasi ya congo,bakazova mu bihugu bitatu ari vyo afrika y’epfo, Tanzanie na Malawi.
Igikorwa c’abo kizoba gitandukanye n’icabahora aho kuko bobo bazoshobora kubuza imihari irwanira muri congo.Ico rero kikaba ari igikorwa kitoroshe mu gihe ukuza kwabo gushitse imihari nka M23 yanse kwunvikana na leta ya Kinshasa, kandi ukaba uboneka ufise inguvu muri ico gice co mu buseruko .
Mwomenya ko ubu ahitwa ITURI hari agahengwe inyuma y’imishamirano hagati y’amoko abiri,ko abanyagihugu banyotewe ukuza kw’abo basoda kuko batagira iyo bata umutwe muri izo ngwano.
Iyindi ngorane n’ ingene ibibuga vy’indege bimeze nabi bikwiye gusanurwa aho mu buseruko, mu gihe bagiye kwakira indege zinini zizozana ibikoresho vy’abo basoda. Ejo haheze monusco yazanye impunzi 150 zatahutse zivuye muri congo brazzaville
Gildas Ndihokubwayo
Messages
19 Ndamukiza 2013, 03:28, par denuis mpoya
ndabona ataramahoro azizanye muri kongo baje gushaka inyungu zabo bwite kandi bigaragarira bose.
19 Ndamukiza 2013, 03:28, par denuis mpoya
ndabona ataramahoro azizanye muri kongo baje gushaka inyungu zabo bwite kandi bigaragarira bose.