Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Interahamwe ziri mu Buseruko bwa Kongo zagabishijwe
Interahamwe ziri mu Buseruko bwa Kongo zagabishijwe
mercredi 11 Kigarama 2013
Igisirikare c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kiri kugarukana amahoro muri Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, cagabishije ko kiriko kiritegurira guhasha abarwanyi bo muri FDLR, ico gikorwa bakazogifashanya n’abasirikare b’ico gihugu.
Ku va aho abarwanyi bo muri M23 batsindiwe bagahunga, abasirikare b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bafatanije n’ab’igihugu, bakaba bagumye bamenyesha ko abaramukiwe n’abo ari abarwanyi b’ interahamwe bava mu gihugu c’Urwanda. Kuri uyu wa kabiri uza, akaba ariryo sango ryahawe izo ntagondwa zo muri FDLR kugira babe barashira ibirwanisho hasi.
Abo barwanyi baba FDLR bagisibije mu Buseruko bwa Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, bakaba bahungiye muri ico gihugu inyuma y’aho bamwe muri bo, bakoreye amarorerwa yo mu mwaka w’1994, mu kwica abanyarwanda bo mu bwoko bw’abatutsi bashika hafi umuriyoni w’abantu. Aho muri Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo rero, aba FDLR bakaba bari hagati y’1500 n’2000, bakaba barwiriye mu gace ka Kalembe i Masisi.
Aristide Nizigire
Messages
11 Kigarama 2013, 17:43, par Burundiano
Iyo mvugo mukoreshanimbi mwabanyamakuru mwe ntaho mutaniye na igihe.com yo murwanda ikorera Kagame!Ngo “interahamwe"Mumenye ko la majorité yabagize Fdlr ari aba jeunes.Ivyo vyokubita interahamwe vyaramazegusaza muzohende abanyarwanda nyene ataco bazi..Aha komvunze ivyo mudashakacomentaire yanje muca muyiniga turabazi uko mukora hanyuma ngo liberté d’expression!!!!
12 Kigarama 2013, 16:19, par Ibigoyemakungu
abarundi twemeye imishyikirano. abanabo bakwiye kumvirizwa
12 Kigarama 2013, 16:19, par Ibigoyemakungu
abarundi twemeye imishyikirano. abanabo bakwiye kumvirizwa