Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Internet 4G : Umwe mu bantu bayigerageje arashinga intahe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > Lumitel > Internet 4G : Umwe mu bantu bayigerageje arashinga intahe

Internet 4G : Umwe mu bantu bayigerageje arashinga intahe

mercredi 30 Ntwarante 2016, par Jean De Dieu

LUMITEL yatanguje ku mugaragaro mu mpera z’ukwezi kwa Ruhuhuma 2016 umuhora mushasha kandi wa mbere wa internet 4G mu Burundi, ufise ubushobozi n’ububangutsi bitahahora.

Uwakoresheje uwo muhora arashinga intahe

« Ikintu ca mbere nakoze na internet 4G nagiye kuri YouTube kugira mpinyuze ko nshobora kwirabira neza amasanamu (vidéos), canke yoba ari amayeri y’ishirahamwe LUMITEL y’ukurondera ingene bodandaza. Nahisemwo isanamu (vidéo) y’umwanya munini imara iminota itanu, nkaba naratangajwe n’ugusanga iyo sanama naciye ntangura kuyibona aho nyene, ibitari bwanshikire na rimwe nkoresheje imihora ya Smart na Econet-Leo. Ku yindi mihora, ushaka kuraba isanamu, kuri youtube, uba ufise n’umwanya w’ukuja muri firigo kurondera ifanta, ukagaruka ukicara ukarindira ko iyo sanamu yuguruka, utangure kuyibona.»

Kugira internet 4G inyaruka kurusha izindi zose iboneke, umunywanyi wa LUMITEL asabwa kuba afise terefone ngendanwa ishobora kwakira 4G, kuko atari zose ziyakira, terefone ngendanwa zimaze kumenyekana ko zishobora kuyakira akaba ari Samsung, Apple hamwe na LG. Ariko rero, n’ishirahamwe LUMITEL ryarashize kw’isoko terefone ngendanwa zishobora kwakira umuhora wa 4G (LUMITEL L9501), ziboneka mu mazu y’ubudandaji ya LUMITEL ari mu ntara zitandatu zibonekamwo umuhora 4G, arizo Bujumbura mairie, Gitega, Ngozi, Muyinga, Rumonge hamwe na Makamba

Ishirahamwe LUMITEL rihamagarira abafise terefone ngendanwa za 4G kuzitwara ahakorera iryo shirahamwe, kugira bahindurirwe amakarata simu ya 3G bahorana, bahabwe aya 4G, bakamenyeshwa ko ari ku buntu.

« Inyuma y’ukugerageza uwo muhora, nararungikiye amashusho umuntu kuri Facebook, naho biratangaje! Vyaranyarutse cane. Mu nyuma umugenzi yandungikiye amasanamu (vidéo) angana na MB 16 kuri WhatsApp. naho nyene ryabaye irya mbere aho nayugurura mu mwanya muto cane, nkaba nungutse kabiri kuko nk’uko mubizi, internet 4G ya LUMITEL itangwa ku buntu kuri WhatsApp ; bikumvikana ko ata MB n’imwe nigeze nkoresha», ibisigurwa n’umunywanyi yakoresheje 4G, akemera n’amafaranga atangwa kuri 4G akwiranye n’akunguko itanga : « Bakivuga ingene irihishwa, naho LUMITEL yari yemeye ko internet 4G iri ku giciro kimwe na 3G, nagumanye amakenga ko iyo internet inyaruka incuro cumi ku yahahora izohava irihishwa igiciro cisununuye ».

Uwo ari mu banywanyi ba mbere bagerageje 4G LTE arashimira ishirahamwe LUMITEL ririko rirafasha guteza imbere ubuhinga bwa none mu Burundi, mu kwegera urugero ibindi bihugu bibanyi bigezeko.

« Turizeye ko n’ayandi mashirahamwe y’ugutumatumanako agiye kugera ikirenge muca LUMITEL, ashire imitahe mu mpinduka zokorwa muri ico gisata. »


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.