Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Intoki zambarwako impeta
Intoki zambarwako impeta
vendredi 31 Rusama 2013
Kenshi na kenshi abantu bahitamwo kwambara impeta ku kuboko kw’ibubamfu abandi ku kuboko kw’iburyo. Gusa ibi ntaho bitandukaniye ahubwo biterwa n’ahabangukira umuntu. Tugiye kurabira hamwe ubudasa ni ico bisobanura bivanye n’urutoki ruriko impeta.
Urukumu
Nk’uko urwo rutoke ari runini kandi rukaba rukora buri gihe cose izindi zikora, iyo ushizeko impeta biba bisobanura ko wigenga, kandi ko wikunda.
Urukurikira urukumu: nkombarukoko
Ibi bisobanura ubutware kuko ari narwo bakoresha iyo umuntu agutunga urutoke ashaka kukubwira ko ivyo uriko urakora atari vyiza kandi akabikora agaragaza ko akuyobora.
Urutoke rurerure: nsumbazose
Uru ni urutoke rurerure rusumba zose kandi ruranagororotse gusumba izindi. Kurwambarako impeta ngo bisobanura ko umuntu ashinga intahe ko afise umuryango n’abakunzi (sosiyete) kandi ko aharanira kwiteza imbere.
Urugira kane: gihugunibenga
Uru ni urutoke rako impeta isobanura ko umuntu yarangije guhitamwo akamwegurira ubuzima bwiwe bwose ngo babusangire ,ikaba yambara umuntu washingiwe canke yihebeye Imana.
Agahererezi
Urwo ni urutoke rukunda kuba rwegereye urururi iruhande. Kwambara impeta ngaho bikaba bivuga ko ufise uwundi muntu canke ko utishimiye ico uri co. Bisobanura kandi ko ata mutekano ufise, canke ko utaboneka uko utipfuza kuba woboneka, abandi bakubona uko wewe utari. Mu bijanye n’urukundo vyerekana ko wabuze amahitamo mbere ko vyakuyobeye vyose.
Nk’uko bigaragara rero, si vyiza gushira impeta aho wiboneye hose kuko ishobora gutanga amakuru anyuranye n’ay’ukuri abantu bakumenyako, bikaba vyotuma bakwibeshako canke bakwibazako cane ibitari vyo.
Floxella Karire
Messages
31 Rusama 2013, 10:04, par gaspard imanirakiza
ndabona hari abagezeyo gwose gose.
19 Ruheshi 2013, 02:04, par NG JM
NAGOMBA KUBAZA KO BAVUGAKO KURI NKOMBARUKOKO,IMPETA ABA ARI UMUPFAKAZI NIVYO?
12 Nyakanga 2015, 09:52, par munyarukundo theo
kubijyanye n-urukundo, wokwambara hehe impeta iyo ufite umu fiancé? uwubishoboy nanyishyure.
27 Ruhuhuma 2017, 08:28, par Vincent
Ndubatse Urugo,none Hamwe Nokwambara Impeta Kuntoke Zose Ukuyemwo Agatoke Gatoya Birasobanuritse Kumuntu Umwe?