Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Intsinzi ya New Stars mu rukino rwa nyuma rw’ihiganwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > basketball > Intsinzi ya New Stars mu rukino rwa nyuma rw’ihiganwa

Intsinzi ya New Stars mu rukino rwa nyuma rw’ihiganwa

mardi 23 Mukakaro 2013

Mu rukino rw’umupira w’amaboko « Basketball », umurwi New Stars niwo watahukanye igikombe c’inkino zo gutanguza icese ibikorwa vy’abatowe ngo barongore ishirahamwe ry’umupira w’amaboko i Bujumbura, ACBAB (Association des Clubs de Basket ball Amateur de Bujumbura) , mu rukino rwabahuje umurwi wa New Stars n’Urunani basanzwe bakebana, ku munsi w’Imana, igenekerezo rya 21 Mukakaro 2013.

Mu gihe hari haheze iminsi itari mike abakunzi b’iyo mirwi yompi badahurira ku kibuga bariko baratira ijisho ku buhinga bw’iyo mirwi, ku munsi w‘Imana bari basidukanye n’iyonka. Nko mu mwanya w’isaha zitanu akaba ariho urukino ry’igice ca nyuma hagati y’iyo mirwi ibiri rwatangura.

Urukino rumaze gutangura, mu gice ca mbere, abakinyi babiri : Freddy Kambaye wa New Stars hamwe na Willy w’Urunani bareretse ubudasa abandi, ico gice gica kirangira ari intsinzi y’Urunani ku manota 15 kuri 14 ya New Stars.

Mu gice ca kabiri, umwe wose muri iyo mirwi yompi washaka kwereka uwundi ko witeguriye kuwurusha, ariko abakinyi b’inyuma ku mpande zose bakaba bari barikanuye, ari naco catumye ico gice gihera ku manota 30 kuri 28, intsinzi ya New Stars.

Mu gice ca gatatu, abakinyi b’Urunani baje batazambaye, binjiza amanota menshi harimwo atatu yinjijwe akatari gake n’umukinyi w’Urunani Sudi Cubahiro, ico gice gica kirangira ku ntsinzi y’Urunani y’amanota 42 kuri 38 ya New stars.

Begereje mu mpera z’urukino, mu gice ca nyuma, abakinyi ba New Stars barigarutseko, bakomeza inyuma, ab’imbere nabo nka Etienne bagarukana imipira yose yaba igiye kwinjizwa n’abakinyi b’Urunani. Icagiye kuboneka n’uko mu minota ya nyuma, abakinyi b’Urunani babonetse nk’abatanguye kuruha, abo muri New Stars baca bababoneraho akaryo. Urukino rwagiye kurangira ku ntsinzi ya News Stars ku manota 59 kuri 50 y’Urunani.

Iyo ntsinzi ya New Stars yaranezereje cane abakunzi bayo kuko baciye bagira icizere ko n’igikombe c’ihiganwa ryo muri uyu mwaka kizotaha iwabo.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.