Accueil > Inkino > FOOTBALL > Intsinzi ya Vital’O kuri APR FC, igikombe ca CECAFA catashe i (...)
Intsinzi ya Vital’O kuri APR FC, igikombe ca CECAFA catashe i Burundi
mardi 2 Mukakaro 2013
Mu mateka y’ihiganwa rya CECAFA ryatanguye mu mwaka 1967, ni ubwa mbere umurwi w’Uburundi ushoboye gutahukana igikombe, ivyo bikaba vyashimishije abarundi benshi inyuma y’aho umurwi wa Vitalo’O utsindiye igikombe c’ihiganwa rya CECAFA “Kagame Cup” ryari rimaze indwi zibiri ririko ribera mu gihugu ca Soudan, Vital’O ikaba yatsinze APR FC yo mu gihugu c’Urwanda ibitsindo bibiri ku busa.
- Tambwe Amissi, kizigenza w’umurwi wa Vital’O FC areruye igikombe ca CECAFA "Kagame Cup"
Muri urwo rukino rwa nyuma rutari rworoshe na gato, abanyarwanda benshi bagumye bafise ivyizigiro ko APR FC ishobora guhava itahukana ico gikombe.
Mu gice ca kabiri, nk’uko vyagendekeye umurwi wa Rayon Sports mu rukino rwa kabiri rushira urwa nyuma, Kanyankore yahinduye umukenyuro maze Vitalo’O itangura gusatira bikomeye APR FC. Ku munota wa 61, umukinyi Habonimana Célestin ari nawe yatsinze igitsindo casezereye Rayon Sports mu gice ca kabiri gishira ica nyuma niwe yasubiriye gutsinda igitsindo c’umutwe ku mupira wari uvuye muri corner. Mu gihe abantu bacibaza ibibaye kuri APR FC, umurwi wa Vitalo’O waronse iyindi Corner, maze umukinyi Christian Mbilizi umwe mu bakinyi bagufi bagaragaye muri iryo higanwa, nawe niho yaca mu rwahumye abakinyi b’inyuma ba APR FC, yinjiza igitsindo ca kabiri, icizere ca APR FC gica kirahera.
Icashimishije abantu, uwo murwi wa Vital’O igihe bahaguruka bava mu gihugu c’Uburundi wari wijeje abarundi ko ata kindi kibajanye atari ugutahukana ico gikombe ca CECAFA, none baraye babishitseko. Ikindi cashimishije abantu cane n’ingene urwo rukino rwahuriranye n’umunsi wo kwikukira kw’igihugu c’Uburundi, mukumva ko iyo ntsinzi ya Vital’O yaje kwongereza umunezero w’abarundi bari biriwe mu birori vyo guhimbaza imyaka 51 igihugu kimaze cikukiye.
Twibutse ko CECAFA “Kagame Cup” yaraye itahukanwe na Vital’O ishigikirwa n’umukuru w’igihugu c’Urwanda Paul Kagame kuva mu mwaka w’2002.
Joel Sengurebe
Messages
2 Mukakaro 2013, 03:12, par tindo
bravo bravo bravo, burundi oyeeeeeeeeeeeeee, vitalo oyeeeeeeeee
2 Mukakaro 2013, 04:05, par amahor
yeweeeeeeeeee abarundi berekanye urukino rwiza. oyeeee oyeeee
2 Mukakaro 2013, 06:18, par Aimé
Tesa banyarwanda! Courage et merci a l’équipe de Vital’O. Jewe narinzi ko iyo coupe izoza i Burundi. Ubundi abanyarwanda ntaho guhuriye kuri football nabo barabizi. N’abakinyi bagenderako ni abarundi nka Makenze, Cédrick wa Rayon sport n’abandi bahakinye bagateza imbere APR nka Saido, Selemeni yamin, papy faty. Bazoze tubigishe umupira kabisa
2 Mukakaro 2013, 07:23, par elise
Anbarundi muratwemeje rata amakipe yo mu Rwanda ntazongere kwigereranya nayiburundi muraturenze rwose kuko na Rayon Sports ikomejwe n’abakinnyi babarundi
2 Mukakaro 2013, 07:37, par nibavuge jafari
nkeje vitalo yacu cane rwoooooose, kandi ndayifurije kwama yatwaye kagame cup burimwaka. kandi yongere ntizasubire gutsindwa nikipe yo murwanda eka nahandi. vitalo ju ju ju zaidi. k6 k6 vitalo.
2 Mukakaro 2013, 12:05, par schaaaaaaaa
wooooooow turanejerejwe nintsinze y vitalo kabisa irerekany k izumupira kuruta abandi abarundi turashoboye ntakubuza inibindi tuzobitwora
5 Mukakaro 2013, 10:45, par shemezimana gratien
Vitalo ni kosora kabisa yankosoreye Apr yari yarigize indakoreka