Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Intsinzi ya Vitalo’o, ikibanza mu rukino rwanyuma rwa CECAFA Kagame (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Intsinzi ya Vitalo’o, ikibanza mu rukino rwanyuma rwa CECAFA Kagame (...)

Intsinzi ya Vitalo’o, ikibanza mu rukino rwanyuma rwa CECAFA Kagame Cup

samedi 29 Ruheshi 2013

Umurwi wa Vitalo’o watsinze igitsindo kimwe ku busa umurwi wa Rayon Sprots. Iyo ntsinzi ironkeje umurwi wa Vital’o uburenganzira bwo gukina urukino rwanyuma mw’ihiganwa rya CECAFA Kagame Cup.

JPEG - 212.5 ko
Umurwi wa Vital’o

Ku muhigamo w’uyu wa gatandatu, niho iyo mirwi ibiri yatana mu mitwe. Mu karere ka Darfour mu gihugu ca Sudani ca akaba ariho habereye urwo rukino rwabereye. Uko vyaboneka, iyo mirwi yari yaje yiteguye cane ku mpande zose irondera instinzi. Igice ca mbere c’urukino kikaba caheze atagitsindo kibonetse muri urwo rukino.

JPEG - 185.9 ko
Umirwi ya Vital’o (hejuru) na Rayon Sports (munnsi)

Mu gice ca kabiri c’urwo rukino rwari rwitabwe n’abantu isinzi, imirwi yose yaje yazikenyeye irondera igitsindo. Umurwi wa Vital’o ukaba wa rwije ugusatira izamu rya Rayon Sports gushikaho bagirira ikosa umukinyi wa Vital’o maze ironka penariti. Ariko iyo penariti ntayavyaye igitsindo. Igitsindo ca Vital’o, ari naco conyene cinjijwe muri urwo rukino kikaba cagiye kuboneka ku munota igira 72 w’urukino. Iddi Jumapili akaba ariwe yinjinje ico gitsindo.

Abarororereye urwo rukino benshi bakaba bemeza ko umurwi wa Vitalo’o wifashe neza muri urwo rukino kurusha Rayon Sports. Kukaba nkako Vital’o ikaba yahushije ibitsindo vyinshi, aho vyagiye birakubita ku mwamba w’izamu rya Rayon Spots.

JPEG - 35.5 ko
Kanyankore Gilbert batazra Yaoundé, umumenyereza wa Vital’o

Umumenyereza wa Vital’o akaba yanezerejwe niyo ntinzi. Yongeye aramenyeshako umurwi wiwe wavuye i Bujumbura wiyemeje gutahukana igikombe ciryo higanwa. Kandi kubona baronse uburenganzira bwo gushika mu rukino rwanyuma rw’iryo higanwa vyekana ko amahirwe yo gutwara igikombe ariho. urukino rwanyuma rukaba ruzoba ku munsi wa kabiri igenekerezo rya 2 Mukakaro.


Joel Sengurebe

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.