Accueil > Amakuru > u Burundi > Intumwa idasanzwe ya ONU ijejwe agateka ka zina muntu yishikiye mu (...)
Intumwa idasanzwe ya ONU ijejwe agateka ka zina muntu yishikiye mu Burundi
jeudi 13 Munyonyo 2014
Mu gisata c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kijejwe agateka ka zina muntu barungitse mu rugendo rw’akazi, intumwa idasanzwe Michel Forst, umuhinga mu bijanye n’iyubahirizwa ry’agateka k’abaharanira agateka ka zina muntu. Uwo muhinga aje kwirabira ingorane abaharanira agateka ka zina muntu mu Burundi bagira mu kazi kabo, akazoshikiriza icegeranyo urwego rujejwe agateka ka zina muntu mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU..
Kuva kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 14 Munyonyo gushika ku genekerezo rya 25 Munyonyo, Michel Forst azogendera Uburundi, ku ncuro ya mbere nk’umuhinga arungitswe n’igisata c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kijejwe agateka ka zina muntu. Muri urwo rugendo azomaramwo hafi indwi zibiri, Michel Forst aje kwirabira ingorane abaharanira agateka ka zina muntu mu Burundi bagira mu mirimo yabo ya minsi yose, hamwe n’ingene inzego ziborohereza.
- Michel Forst, umuhinga mu bijanye n’iyubahirizwa ry’agateka k’abaharanira agateka ka zina muntu
Iyo ntumwa idasanzwe imenyesha ko abaharanira agateka ka zina muntu bafise igikorwa gikomeye co guteza imbere intwaro rusangi n’ukwubahiriza kiremwa muntu, ari naco gituma bategerezwa kwubahirizwa n’ukworoherezwa mu kazi kabo.
Muri iyo minsi azomara mu Burundi, Michel Forst azobonana n’abaserukira Reta y’Uburundi, abajejwe intwaro n’ubutungane, abagize umurwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu (CNIDH), abaserukira amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, abaserukira ubuserukizi bw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi, hamwe n’abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi. Michel Forst, umuhinga mu bijanye n’iyubahirizwa ry’agateka k’abaharanira agateka ka zina muntu azokwishikira kandi mu ntara za Bujumbura, Ngozi, hamwe no mu Rumonge, hanyuma agire icegeranyo kizoshikirizwa inama y’urwego rujejwe agateka ka zina muntu mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.
Imbere y’uko asozera urugendo rwiwe, Michel Forst, umuhinga mu bijanye n’iyubahirizwa ry’agateka k’abaharanira agateka ka zina muntu azoremesha ikiganiro ku bamenyeshamakuru kw’igenekerezo rya 25 Munyonyo 2014.
Egide Nduwimana
Messages
13 Munyonyo 2014, 16:58, par Nikobamye
Harigihe imana izohava yibuka abantubayo,Nyamizi nasebuja baahohotera abantu ngira bokwikubita agashi ,hanyuma abajejwe agateka ka zinamuntu muburundi namwe tubasabe kudatwarira ukuri mukwaha nka nyamizi na sbujawe,imbonerakure nabarukoti batumwe guhohotera abanyagihugu ,kubica nokubanyaga utwabo bijahabona.hanyu uwabatumye akikinga ibirembaremba ngo numusenzi ,mukumarira kuntambi abo batavuga rumwe.
13 Munyonyo 2014, 17:04, par matana
naze yamame erega basaze???????????????????????????????????????????
13 Munyonyo 2014, 17:44, par nimpekuramba
Nyamizi yatubwiye ngo tudatoye dd ngo bazotwica ngo nayowe umusi zahinduyimirisho ngo mwisaha azobariburayi.muguhohotera nukwica abanyagihugu nivyovyamuhayamapete atanuwa6agira.
13 Munyonyo 2014, 19:45, par wecan
Uwo Miburo nasome Ubuntu 10 vyavuzwe ngahanyene numuhinga Ko nubwo wobudafise amamodoka nibindibintu vyigitangaza Ko ubufise ivyukora vyerekana kufise ivyowakoze.
13 Munyonyo 2014, 22:48, par Twaje
@ Wecan, urarivuze iyontumwa ya ONU yajemu Burundi kubera bumaze kuba igihangange ndazibamwe mucamuvugako twirirwa turasabiriza ngotwobibihangange gute? Muvyukuri turakenye ariko turafise ivyatumyetuba ibihangange, rekamvuge kimwe twebwe benewcu nabashikibacu babasoda babarundi baratanga amarasoyabo kugirabashobore gufasha kugarukana amahoro mubindibihugu biryarero ntimugire ngonukuja kurondera amahera nkukwobamwenabandi bakunzekuvyihendako harya nukwitanga kubwineza yanje nawe nkabarundi nokubwineza yokwifuriza nahandi batari abarundi kubamumahoro, kuricorero u Burundi bwinjira mugihugu vyibihangange kubwokubera umusirikare wigihugucacu, gicorero gituma mugumamubona ONU nibindibishirahamwe bikomakomeye bikomeza kuza muburundi, Nagombakubibutsako iyaba baza kugira basenyure ubutegetsi bwigihugu nkukobamwe mukunze kuvyifuza mukoresheje kuvigako leta imaze abarindi ibica, Ivyobihangange bibavyaraje mumyaka yaza 72, 88, 93 kukomwicogihe ibararyaraguye kandi ONU yariho arikontibigeze bazacane muburundi nkuko mubibona mwinomwaka sikindirero kibituma nukuburundi bumaze kumenyekana Ko bufise igisirikare kigihangange bakunze nokwitabaza kujakugarukana amahoro ahovyagoranye, murumvako mukwiye kumenyera abashitsi bazamuburundi bibihangange kukondabona mutarabimenyera iyomubabonye mucamutangura kwibwirango bakanaka ntibabasiga.