Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Inyambaro ya Rihanna mu rubanza yatangaje benshi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Inyambaro ya Rihanna mu rubanza yatangaje benshi

Inyambaro ya Rihanna mu rubanza yatangaje benshi

mardi 21 Ndamukiza 2015

Rihanna yagize ibitangaro aho yashoboye kwambara nk’umuntu yisoneye canke w’umupfasoni. Yambaye ikanzu igera ku birenge, urwo rubanza yari yarwubashe.

Abafaransa bati:" Seuls les imbéciles ne changent pas", Abarundi nabo bati:" Ntawubura umunsi", Rihanna yambaye ikanzu ikora ku birenge, ibintu bitari bimenyerewe kuri uwo mukobwa ari ku rutonde rw’abakobwa bakunze kwerekana amafoto bambaye izuba. Ivyo ntiyabigiriye ubusa, Rihanna yari mu bugeni bw’umugenzi wiwe kandi anamufasha mu kazi kiwe (assistante), yitwa Jennifer Morales. Aho hose yoba yambaye nk’umupfasoni kubera yari muri bamwe bita "fille d’honneur", yari kandi yamubereye n’icabona. Aba n’abandi bavuga ko naho yambaye ikanzu ndende bitabuza ko umubiri wiwe uboneka nk’uko uri kubera iyo kanzu yari imwegereye cane.

Mwomenya ko Rihanna na Jennifer Morales bamye ari abagenzi kuva imyaka n’imyaka, ari naco gituma Rihanna yemeye kumubera icabona, kandi kanatsinda akaza yambaye nk’abantu biyubaha kandi bakuze.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.