Accueil > Amakuru > u Burundi > Inyigisho zo gukundisha igihugu abarundi ziteye kubiri n’ibiriko bishirwa mu (...)
Inyigisho zo gukundisha igihugu abarundi ziteye kubiri n’ibiriko bishirwa mu ngiro
jeudi 29 Rusama 2014
Inyigisho ziherutse gutanguzwa n’umukuru w’igihugu c’Uburundi zo gukundisha igihugu abanyagihugu ziteye kubiri n’ibiriko birashirwa mu ngiro, bishikirizwa n’uwurongoye ishirahamwe ryishinze guhamagarira abarundi guhindura ingendo Faustin Ndikumana, bikaba biri no mw’ikete yandikiye umukuru w’igihugu.
Gukunda igihugu ntibibonekera mu kugisahura, ntiwogenda uravuga ko ukunda igihugu uri mu bantu ba mbere bagisahura, hageze gutanga akazi umuntu arinda gutanga ibitagenda (ibiturire), arinda kuba ari mu mugambwe kanaka, bishikirizwa na Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe PARCEM mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru kuri uno wa gatatu. Nk’uko Faustin Ndikumana abandanya abishikiriza, umukuru w’igihugu yari akwiye kubanza guhimiriza abanyagihugu ku bintu bijanye no kurwanya igiturire, no kuraba abaguma baronka amatungo y’umurengera atasiguritse kuko ari bimwe mu vyerekana ko ubusuma bwimonogoje.
Ibindi avuga n’ivyerekeye ukudahana ,inzego ziyemeje kurwanya igiturire zitagira inguvu, ivyo vyose n’umukuru w’igihugu yarakwiye gufata ingingo ikomeye yo kubituza nk’uko Faustin Ndikumana abandanya abivuga. Uwurongoye ishirahamwe PARCEM abandanya ashikiriza, n’uko ivyo kwerekana amatungo umuntu afise imbere y’uko aja mu mabanga canke yayavuyemwo bisa n’ibidakaze ndetse avuga ko umenga n’igikinisho kandi vyari bikwiye na cane cane mu gusigura mu gihe umuntu aronse amatungo y’umurengera.
Floxella Karire
Messages
29 Rusama 2014, 20:42, par ndayejacques@gmail.com