Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
RD Kongo : 24 mu bagandaguye bunyamaswa abanyagihugu barenga 100 (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RD Kongo : 24 mu bagandaguye bunyamaswa abanyagihugu barenga 100 (...)

RD Kongo : 24 mu bagandaguye bunyamaswa abanyagihugu barenga 100 bafashwe

mercredi 26 Munyonyo 2014

Inyuma y’aho hafi y’igisagara ca Beni hagandaguriwe abantu bagera kw’ijana, igisirikare ca Kongo catanguye isakwa mu mihana iri mu micungararo y’ico gihugu.

Abo bantu bagandaguwe n’umurwi wa ADF(Forces démocratiques alliées) w’abarwanyi bo mu gihugu c’Ubuganda, aho muri abo bishwe harimwo abana, abagore n’abagabo. Abo barwanyi bakaba bagisibije muri ako karere gasanzwe gahana urubibe n’ico gihugu c’Ubuganda. Ariko rero bikavugwa ko abagera kuri 24 muri abo bateye hamwe n’abanyagihugu 10 bamaze gufatwa inyuma y’ico gitero. Abo bafashwe bamwe bakaba banafatanywe ibirwanisho bicira umuriro, mu masakwa yagiye aragirwa, co kimwe n’ugukurikira abo bicanyi nk’uko bivugwa na MONUSCO yaho muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo.

Abo baranyi basanzwe banahurikiye mw’idini rya Islam bakaba bari aho muri ako gace kuva mu mwaka w’1995, aho bica bakuzako, ndetse bakagirizwa kwiba no gufata abagore n’abakobwa ku nguvu.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.