Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Edouard Nduwimana yivuguruje 2 kose mu masaha make ku kibazo ca (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Edouard Nduwimana yivuguruje 2 kose mu masaha make ku kibazo ca (...)

Edouard Nduwimana yivuguruje 2 kose mu masaha make ku kibazo ca UPD

vendredi 9 Nzero 2015

Inyuma y’amasha make gusa umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu akeje UPD Zigamibanga ku ntambwe ishimishije yo kwiyunga, Edouard Nduwimana yanditse irindi kete ko uko kwiyunga Zedi Feruzi arongoye UPD Zigamibanga ari ingingo atavuganye n’abandi.

JPEG - 84.7 ko
Ikete rya mbere rya Edouard Nduwimana akeza UPD Zigamibanga

Ikete rya mbere nomero 530/025/CAB/2015, ryasohotse igihe c’isaha zitandatu riteweko umukono na Edouard Nduwimana umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, akaba yari yakeje umukuru w’umugambwe UPD Zigamibanga, kuri ico gikorwa kidasanzwe c’ukwiynunga, ndetse Edouard Nduwimana anabemerera ko kuri uyu wa 10 Nzero mw’ihoteri Source du Nil, azobarungikira uwuzoba yaserukiye umushikiranganji, uwo nawe, akaba umuhanuzi wiwe ajejwe ivy’imigambwe Nestor Bimenyimana.

Ariko inyuma y’amasaha atandatu gusa uwo mushikiranganji nyene akaba yasubiye kwivuguruza. Mw’ikete 530/028/CAB/2015, Edouard Nduwimana ati : ’’Mushingantahe urongoye UPD Zigamibanga, ukwiyunga kwanyu ntikwumvikanyweko na bose, 19 kuri 22 bagize ibiro bikuru vy’umugambwe bamaze kugukura mu mabanga yo kurongora umugambwe ko wewe ico kibazo co kwiyunga wacihereranije." Uko kwivuguruza kw’umushikiranganji kukaba kwashitse mu gihe muri uyo mugambwe kuri uyu wa 8 Nzero bari bashamiranye banka ko Zedi Feruzi yinjira mu biro vy’umugambwe.

JPEG - 82.9 ko
Ikete rya kabiri rya Edouard Nduwimana amenyesha Zedi Feruzi ko ahubwo yakombowe mu mugambwe

Uko kwivuguruza kandi kwa Edouard Nduwimana kukaba kuje mu gihe n’iyindi migambwe nka UPRONA, FRODEBU, na FNL yose yacitse ubunyewnywe ikaba yari ifise imigambi nayone yo kwiyunga. Abatari bake bakabona ahubwo ko ukwiyunga kwotegerejwe gushigikirwa, kugafashwa n’umushikiranganji atanguvu aheza ngo abishiremwo, ndetse bamwe mu banyamigambwe bakamwagiriza ko ariwe afasha mu kubasamburira imigambwe naho we abihakana.


Aristide Nizigire

Messages

  • Ico nohanura Nyakubahwa umushikirangazi avant yuko asohora ayo makete yarakwiye gukoranya izo mpande zibiri akabumviriza ndetse abonye ko bose bavyumva kumwe niho yarakwiye gusohora inyandiko. Ukwiyunga nivyiza cane mugihe bose bavyumva kumwe. Imana ikize uburundi na babubamwo. Ibahe imitima yoguhariranira no gusubira kunwana nakare nabamugabo umwe.

  • Ubumenyi nubwenge biratandukanye nukuri.Tuvahe tukajahe?Mwotubwira inama yabakuye Radjubu abari bayitavye uko bangana?komwemeje ivyavuyemwo ka nyakwubahwa?Ingingo ya 3/4 ntigikora?urantwengeje kuko sinovuga ko umbabaje

  • IMBERE Y’UKO UMUSHIKIRANGAJI YANDIKA IKETE RYA KABIRI YARI GUHAMAGARA IMPANDE UKO ARI ZIBIRI AKABUMVIRIZA KUkO URURIMI RW’UMWE RUKAMWA IFYUFYU.

  • Birumvikana ko yahenzwe nuruhande rumwe ahejeje gusohora ingingo abandi baca baramugumukana. Urumva ntako yari kubigenza atari uguhindura ingingo yari yamaze gufata .

  • Burya umushikiranganji yariyamaze kugira ikizereko biyunze vyukyri ntiyaroziko yamitego yabarundi bagizimwuga ariyo yibereye mwabobariko baramubwirako biteguyekwiyunga,nonegayemwe wewewokwumva abavukana bahorabarebana ribi bakakubwirako biteguyekwiyunga ukarekakubakeza, ariko ugizeguti ukumva barahindukanye nubundi uraheza ukagiricukoze mugihunifitiye uburenganzira.

  • DD on va vous nuquer mumezi make ncane nimutere igere ryanyuma

  • Abantu bama bavuga ati:"kutiyunga kwi migambwe reta igufisemwo uruhara uti sivyo .None ubu ntibibonetse ata n’umusi uciyemwo ?. Mana tabara abawe!! Kko birago Kuba Murino si waduhaye ." Eeee wibuke ko ahuri har’abandi Murakoze .Abasenga Mubandanye Gusenga Kukw’imisi Ari Mibi Kuba Gororotsi .

  • uyu mushikiranganji aratwenza goseee. niyasezera akazi azokwisabire akazi mu runana kuri bbc aze arakina na bushombe,kankwanzi na kideyo na budesiyana

  • Atagapfuye ntagakira. Nduwimana vient de se pieger. Par ses correspondances, Il vient de reconnaitre officiellement l’aile Mugwengezo. Reunion ya reunification rero ntigikenewe. Mugwengezo nace akoranya inama isanzwe ya aile yiwe, yo kwakire Feruzi nabiwe (kurya Minani yakiriye Ndayizeye). Ako kagwi gasigaye inyuma bakihoze. Reunification izoba iheze. No muri Uprona nuko bizogenda. Mbaye ndageza aha.

  • Uravye irya vidéo yo Ku ngoro y’a UPD umushikiranganji ntawurimwo. We yagize ivyo abanya UPD bashatse KO biba. Simbona ivyo vyo kwivuguruza iyo biva.erega uwutema urwiwe bamutiza umuhoro

  • jewe umukuru wigihugu ndamutoye ikiringo kimwe gusa ibisigaye nivyo bunvikaniye i arusha. ivyavuye i arusha mwede murabonako hari i quartie yitiriwe arusha. abarundi turenga imirioni 8 ntitwagiyei arusha.

  • Imana imuharire kuko ntazi icakora.k8hindukiza mwijambo incuro zirenga zibiri biteye agahinda kubuntu bwiwe bwejo hazaza.so abategetsi nkuwo bakwegera amahano menshi abanyagihugu nigihugu.so yisuzume ataraheza ikiringo avuge ijambo rimwe ryukui azibukirwako nkiciza kimwe gusa yakoze mumatwara ye.so nimba arumukristo yabatijwe acemera Imana areke abiciriye urubanza babane amahoro kuko we kubahuza vyaramunaniye.YEsu adufashe gukira igitugu.

  • EDOURAD NTA NGORANE ARAZI KO ARI UMUHEMU MUGABO SIWE AKORERA PITER ..NUKO ABA DD BASHAKA NIKO AKORA ,,,

  • we wiyise king can u hear me tuje about buyoya, bagaza, micombero, etc kuko nabo barahozwe kukimukuvuga murabagatumba kora hose ntimusha, iprona nawe ndabona kugomba gutorwa imyaka4o watwaye nawe nturahimba canke nawe tugire icotukubaza about last years

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.