Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Diamond arahakana ivyo yagirizwa ku muririmvyi Davido - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Diamond arahakana ivyo yagirizwa ku muririmvyi Davido

Diamond arahakana ivyo yagirizwa ku muririmvyi Davido

jeudi 18 Kigarama 2014

Inyuma y’ihiganwa rya Big Brothers ryatsindiwe na Idriss wo mu gihugu ca Tanzaniya, bivugwa ko havyutse icuka kibi hagati y’umuririmvyi Diamond wo muri Tanzaniya, hamwe na Davido wo muri Nigeriya. Naho bivugwa uko, Diamond wewe arabihakana.

Idriss ahejeje gutsinda mw’ihiganwa rya Big Brothers, Diamond yaciye yandika ko igihugu ca Tanzaniya gihejeje kuronka akandi gashimwe kiyongera kuko yaheruka gutahukana mw’ihiganwa rya TFA. Ariko rero Davido ntiyakiriye neza ivyo Diamond yanditse bica bisa n’ukwishurana amajambo atari meza ameze nk’ugutukana.

Diamond bamubajije ko hari ico yoba apfa na Davido yishuye ko ata ngorane n’imwe bafitaniye n’uwo muririmvyi wo muri Nigeriya.

Tubibutse ko Diamond akundwa cane mu karere ka Afrika y’Ubuseruko azoba ari mu giteramo mu Burundi co kw’igenekerezo rya 28 Kigarama mu kibuga co mu Buyenzi.


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Bakure Imiryano Sha Abo Nabo...Ahubgo Bakwiye Kumenya Imana Urabona Ingene Bigisha Abana Bacu Ingeso mbi.Munyambaro mumvugo mugendo mukuririmba.baduhinduriye abana nk’ibishegu.ntandero bagifise.alaaa.nibatsindwe abo ba freemasons"but and the devil is in troubles.

  • Iyab Diamond Yoje Igitega Hohava Rege Kand Turamukund

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.