Accueil > Inkino > FOOTBALL > Intamba mu Rugamba zanganije na Djibouti
Intamba mu Rugamba zanganije na Djibouti
vendredi 4 Ndamukiza 2014
Urukino rwariko ruhuza umurwi w’Intamba mu Rugamba w’abadakwiza imyaka 20 n’umurwi nserukira gihugu wa Djibouti ruhejeje kurangira ari igitsindo kimwe ku kindi. Urukino rwo gusubiza ruzobera i Bujumbura.
Igice ca mbere c’urukino caheze ari igitsindo kimwe c’umurwi wa Djibouti cinjiye ku munota wa 15 cinjizwa n’umukinyi Yabe. Ariko amakuru ava mu kibuga ahariko habera urwo rukino atubwira ko Intamba zariko zivyifatamwo neza. Ayo makuru nyene yatubwira ko ubushuhe bwari bwinshi cane muri ico gihugu.
Igice ca kabiri c’urukino kimaze umwanya gitanguye, Intamba mu Rugamba zagomboye ca gitsindo, iyo mirwi ica iranganya kimwe ku kindi. Umupira wariko uhuza umurwi w’Intamba mu Rugamba n’umurwi nserukiragihugu wa Djibouti uheze ari igitsindo kimwe ku kindi (1-1). Urukino rwo gusubiza ruzobera i Bujumbura hazoba kw’igenekerezo rya 26 Ndamukiza.
Mwomenya ko abakinyi ba Djibouti bahejeje kunganya n’umurwi w’Intamba nka bose bakina mu mirwi iri mu cicaro ca mbere.
Chérif Nkeshimanaa
Messages
4 Ndamukiza 2014, 17:00, par willy
Ndabakeje muri abagabo,komera mutere imbere
4 Ndamukiza 2014, 17:49, par Rukundo
aho ndashimye bihagazeko kuko ubushuhe n’imfungurwa ntivyaborohereje birashoboka ko ariyo mpamvu batakosoye iyo kipe bahuye, rero twizere ko bazoyikosorera iwacu ku mukaza.