Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Inyuma y’imyaka 17 anyurujwe yasubiye guhura n’abavyeyi biwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Inyuma y’imyaka 17 anyurujwe yasubiye guhura n’abavyeyi biwe

Inyuma y’imyaka 17 anyurujwe yasubiye guhura n’abavyeyi biwe

samedi 28 Ruhuhuma 2015, par IGIHE

Mu gihugu c’ Afrika y’Epfo hari umwana yibwe akivuka afise iminsi itatu gusa , akaba yashoboye gutora umuryango wiwe ku myaka 17 mu buryo butangaje nk’uko bimenyeshwa n’igiporisi caho muri Afrika y’Epfo.

Igihe abanyeshure bari basubiyemku vyigwa vyabo muri kuno kwezi kwa Nzero, abanyeshure barabonye ishusho ridasanzwe hagati y’uwo mwigeme w’imyaka 17 hamwe n’akandi kana kiga mw’ishure ry’inyuma yiwe. Inyuma yaho rero baciye bakora vya bipimo bimwe bita AND basanga koko baravukana.

Uwo mwana rero yashoboye gutora umuryango wiwe, nyina wiwe yibwe uwo mwana ari mu bitaro amaze iminsi itatu amwibarutse , mu mwaka w’1997, nk’uko ibinyamakuru vyaho muri Afrika y’Epfo bibivuga .

Abo bavyeyi mu nyuma bahavuye baronka abandi bana batatu, ariko uko umwaka utashe bama bahimbaza isabukuru rya wa mwana wabo yanyuruzwa kandi bakaba batigeze bata ivyizigiro ko umunsi umwe boshobora kumubona .

Uwo mwana yakuranye irindi zina, n’abandi bavyeyi atazi ko atari abavyeyi biwe. Mu gihe rero umwe muri batoya biwe Cassidy Nurse, yagiye kwiga kw’ishure rimwe nawe , igihe bari batanguye amashure mu kwezi kwa Nzero, abanyeshure baratangaye cane babonye ukuntu abo bana bafitaniye ishusho ridasanzwe. Cassidy akaba yaciye agenda kubwira abavyeyi biwe ko yahuye n’umukobwa kw’ishure iwabo basa cane , bakaba baciye bamuhamagara gusangira ,niko guca bahamagara igiporisi.
Umuvugizi w’igiporisi Andre Traut yaciye amenyesha ko umugore w’imyaka mirongo itanu atawundi mwana n’umwe afise yaciye ahagarikwa.

Uwo nawe bakaba bamwagirije kuba yaranyuruje , arenga amategeko akingira abana, kuko mbere yigize nyina w’amaraso w’uwo mwana. Abavyeyi b’uwo mwana yibwe bakaba bari basanzwe babana n’uwo mwana hafi na hafi ariko batabizi na gato.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.