Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Inyuma y’imyaka 39 y’agasho yaciriwe urubanza rwo gupfa, yarekuwe
Inyuma y’imyaka 39 y’agasho yaciriwe urubanza rwo gupfa, yarekuwe
samedi 22 Munyonyo 2014
Muri Reta Zunze Ubumwe z’Amerika hari umugabo yaraye arekuwe kandi yari yaciriwe urubanza rwo gupfa. Uwamwagirije yagarutse aramukurako icaha.
- Ricky Jackson yarekuwe
Ricky Jackson yafashwe mu mwaka w’1975 yagirizwa kwica arashe umutozakori agaca amuta muri "Acide". Ahejeje kwagirizwa n’umwana w’12 yemeza ko yamubonye ariko akora icaha, yaciriwe igihano co gupfa. Inyuma y’imyaka 39 mu munyororo, umwe yamwagiriza ubu afise imyaka 50 yasohoye igitabo aho yavuga ko yabeshe, ko atiyigeze abona ibijanye n’ubwo bwicanyi bwagirijwe Ricky Jackson.
Umuyobozi ajejwe gutanga amakuru mu biro vy’umushikirizamanza CUYAHOGA, yavuze ko ibirego vyose bimuvuyeko, ati : "Ricky aronse umwidengevyo". Ricky yasohotse ibohero mu gatondo ko kuri uyu wa gatanu i Cleverland mu ntara ya Ohio.
Ayandi makuru avuga ko kuva mu mwaka w’1973, hamaze kwezwa abanyororo 148 bari baciriwe urwo gupfa. Ricky abaye uwa gatanu mu mwaka w’2014
Cherif Nkeshimana
Messages
22 Munyonyo 2014, 16:47, par Rita NAHIMANA
imana ninziza ntiyibagira iwurenganijwe, ntaco biriko naho ubuzima bwiwe bwononekaye kazima akiriho, nico gituma mvuze nti imana ishimwe kandi uyu mugabo yibandanirize ubuzima imana izohindura son histoire kandi nubu yamaze gutangura usabe imana iguhe amagara meza kandi uyumvire.,
24 Munyonyo 2014, 15:16, par hhjhjhjhjhjhjh
USA harabaho ibintu nkivyo? ibara ryaraguye kabisa. indishi y akababaro ingana gute?
22 Kigarama 2014, 07:15, par hakizimana jerome
abanababa ntu nabokurenganya gusa umutu yokwizera I’mana niyo urwukuri