Accueil > Ubutunzi > Imigambwe yasabwe gushira mu migambi yayo isanurwa ry’isoko nkuru ya (...)
Imigambwe yasabwe gushira mu migambi yayo isanurwa ry’isoko nkuru ya Bujumbura
mardi 27 Nzero 2015
Inyuma y’imyaka ibiri irangiye isoko nkuru ya Bujumbura ihiye igatokombera, muri sendika ihurikiyemwo abadandaza SYGECO basaba ko amatohoza yobandanya icaturiye isoko kikamenyekana neza. Imigambwe nayo bayisaba kuzoshira ku rutonde rwayo gusubiza isoko nkuru ya Bujumbura beneyo.
Hari kw’igenekerezo rya 27 Nzero umwaka w’2013, aho isoko nkuru ya Bujumbura yaterwa n’impanuka y’umuriro, imyaka ibiri ikaba irangiye ubutunzi bw’abadandaza burenga imiriyaridi amajana atatu z’amafaranga y’amarundi buhiriye muri iyo soko nk’uko bishikirizwa na Audace Bizabishaka arongoye sendika y’abadandaza SYGECO. Mw’itangazo basohoye kuri uno wa 27 Nzero 2015,muri SYGECO bavuga ko bishimikije ivyo abahinga bafashije mu matohoza bashikirije, vyerekana neza ko amatohoza ataheze neza, n’ubwo amatohoza ubutungane bwakoze yo yerekanye ko iryo sanganya ry’umuriro ryaturutse kw’ibateri yari mu kibanza c’umudandaza wo muri iryo soko nk’uko Audace Bizabishaka abandanya abishikiriza.
Mu gihe abadandaza bahaburiye ibitari bike, mbere na bamwe muribo bakahasiga ubuzima kubera akabonge, abandi bakaba bugarijwe n’ubukene budasanzwe n’amadeni y’umurengera, sendika y’abadandaza SYGECO iranegura ko Reta ataco yigeze ibamarira. Sendika SYGECO iranegura kandi kubona gushika kuri ino saha imyaka ibiri irangiye iryo soko ritarakuburwa kandi hari hashinzwe igisata ca Reta ngo gitunganye ivy’iyo soko.
Iyo myaka ibiri yose irangiye kandi isoko mfatakibanza ya Cotebu itarugurura ibikorwa vyayo ku mugaragaro kandi icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu yari yemeye ko mu mezi abiri gusa ibikorwa vyategerezwa kuba vyarangiye.
- Audace Bizabishaka arongoye SYGECO
SYGECO isaba Reta ko yobandanya gutohoza kucaturiye irya soko ya Bujumbura kugira kimenyekane neza, n’uburyo bwo gusubiza ku kivi abadandaza bahoze mw’isoko ya Bujumbura buronderwe. Reta isabwa kandi gusanura vyihutirwa iyo soko nkuru ya Bujumbura, abadandaza basubire mw’isoko ikwije ibisabwa n’amategeko.
Floxella Karire
Messages
27 Nzero 2015, 20:23, par haringingo
Birakwiye kandi biratunganye ko imigambwe yofatira kuri ico ciyumviro