Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Inyuma y’umwanya w’agacerere "Intatana" zizanye igiteramo c’agakura
Inyuma y’umwanya w’agacerere "Intatana" zizanye igiteramo c’agakura
lundi 15 Nyakanga 2014
Umurwi nkomezakaranga "Intatana" uriko utegura igiteramo kije inyuma y’imyaka itari mike batagirisha igiteramo mu Burundi. Uwo murwi uzoshira ahabona urukwirikirane rugira kabiri.
- Bamwe mu bagize umurwi "Intatana"
Umurwi w"Intatana" ugejeje kure imyiteguro y’igiteramo kizobera mu kigo c’Abafaransa. Kuva mu mwaka w’2011, uwo murwi nta giteramo na kimwe wari bwagirishe. Niyonzima Pascal ari muri uwo murwi, asigura ko umwanya wagumye ubagora. Vyatumwa n’uko kenshi baba bitavye ibiteramo vyo mu makungu, canke bagafatirwa n’ibindi bikorwa vyo hagati mu gihugu. Pascal ati:" Twarafatiriwe cane, kiretse ibiteramo twagiye twitaba vyo mu makungu, aha mvuga nko muri Kenya, Uganda, Ethiyopiya, Congo n’ahandi, turatumirwa kenshi mu manza z’ubugeni canke iyindi minsi mikuru. Ngizo imvo nyamukuru zatuma tutagirisha ibiteramo".
Ico giteramo kandi kirimwo n’intumbero yo gushira ku mugaragarao urukwirikirane rwa kabiri rw’umurwi rugizwe n’indirimbo 10. Urukwirikirane bise "Ben’Amararo" rukurikira urundi "Ntunyime" ryasohotse mu mwaka w’2010. Kizoba ari ku magenekerezo ya 19 na 20 Nyakanga.
Tubibutse ko umurwi "Intatana" wavutse mu mwaka w’2009 igenekerezo rya 11 z’ukwezi kwa Ndamukiza. Watangujwe n’urwaruka rwiyonkoye ku murwi w’Abagumyabanga". Batanguye bari hagati y’igitigiri ca 30 na 40. Ubu bageze kw’i 120 barimwo abana n’abakuze bari mu bisata bitanu bitandukanye.
Ibindi ushobora kumenya bijanye n’igiteramo, raba aha munsi
Raba aha munsi urukwirikirane rw’indirimbo zitatu z’umurwi "Intatana"
Cherif Nkeshimana
Messages
22 Nyakanga 2014, 16:10, par NDAYISHIMIYE Emmanuel
narahomvye kubona ntahabaye ngo nirabire ivyo vyiza vy’iBurundi.kimwe gusa nyarutsa ama CD tugure.nibitari akaranga barabigura.komara kumuheto ncuti zange.