Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Inyuma y’intsinzi ya Lydia Ludic , Cercle Lounge VIP yakeje uwo (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Inyuma y’intsinzi ya Lydia Ludic , Cercle Lounge VIP yakeje uwo (...)

Inyuma y’intsinzi ya Lydia Ludic , Cercle Lounge VIP yakeje uwo murwi

dimanche 5 Rusama 2013

Cercle Lounge VIP n’ubunywero n’ubuvyiniro buri muri Rohero kuri avenue RDC ahohora sport gym ya kera ,aho hakaba hakunda kwakira abakunda kuryoherwa b’abarundi n’abanyamahanga kuko hari n’ikibanza c’imikino nka Poker ,roulette,paris sportif gutigira na za nkino bakinisha ibingorongoro.

JPEG - 40.4 ko

Inyuma yaho Lydia Ludic academic Burundi ikinye urukino rwo gusubiriza umurwi wa Asec Memosas wo mugihugu ca Cote d’Ivoire iraheza itsinda ku mapenariti kuko bari banganije igitsindo kimwe kuri kimwe, Cercle Lounge VIP yaciye yemerera abakinyi ko iryo joro ryose barimara aho banywa, baryoherwa, batamba n’abafana babo kandi vyose ivyo baza gufata vyose ko ari k’ubuntu.

JPEG - 44.8 ko

Nkuko twabibwiwe n’umwe mu bakinyi ba Lydia Ludic Burundi Nduwarugira Christophe ari nawe yatsinze igitsindo c’uyu murwi wa Lydia Ludic Academic Burundi ati birashimishije cane kuba bashoboye gutsinda umurwi nk’urya wa Asec Mimosas umwe mu mirwi ikomeye yo muri afrika, ubu bakaba baronse itike yo kuzokina kimwe ca kane mu mahiganwa ny’Afrrika y’imirwi yabaye iyambere iwabo.

Umurwiwa Lydia Ludic Academic Burundi waboneyeho akaryo ko gushimira abanyagihugu ko babafashe mu mugongomu kwitaba akamo,ko kuza ku bashigikira ku kibuga c’umupira bakaba bari benshi, ngo bikaba ari no muvyatimye ndetse bumva inguvu zidasanzwe mu gutsinda urukino nka rurya.

JPEG - 38.7 ko
JPEG - 30.9 ko

Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.