Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Inyuma y’ukwezi mu karuhuko abashingamateka basubiye ku mirimo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Inyuma y’ukwezi mu karuhuko abashingamateka basubiye ku mirimo

Inyuma y’ukwezi mu karuhuko abashingamateka basubiye ku mirimo

mardi 3 Ruheshi 2014

Integuro z’amategeko 12 nizo zigiye kwigwa mu nama nshingamateka, nk’uko vyashikirijwe na Piyo Ntavyohanyuma, umukuru w’inama nshingamateka, mu gihe bari baramutse bugurura ibikorwa vy’ukwezi kwa Ruheshi.

Inyuma y’ukwezi kwose bari mu karuhuko, inama nkenguzamateka hamwe n’inama nshigamateka baruguruye ibikorwa vyabo vy’ukwezi kwa Ruheshi kuri uno wa 2 Ruheshi 2014. Abakenguzamateka bakazokwiga integuro z’amategeko 13, mu gihe mu nama nshingamateka abatowe n’abanyagihugu bazokwiga integuro z’amategeko 12. Izo nteguro z’amategeko zikaba ari : integuro y’itegeko rijanye no gukinga no kurwanya amabi afatiye ku gitsina, integuro y’itegeko rijanye n’ishirwa mu ngiro ry’amasezerano ajanye n’imigenderanire y’ibihugu bihuzwa n’uruzi Nil, iyijanye n’amasezerano ajanye n’’imigenderanire hagati y’Uburundi n’ingoma ya Maroc.
Izindi nteguro z’amategeko zizokwigwa akaba ari izijanye n’ihinyanyurwa ry’itegeko nomero 1/023 ryo kuwa 31 Kigarama umwaka w’2004, rigenga ishirwaho n’itunganywa ry’igipolisi c’igihugu, irijanye n’ishirwa mu ngiro ry’amasezerano y’inzego ziraba ivy’ibirere hagati y’igihugu c’ Uburundi n’igihugu c’Urwanda, integuro y’itegeko rijanye n’ingene amashengero n’amadini atunganijwe, ishirwa mu ngiro ry’amasezerano y’ingurane hagati y’Uburundi n’ibanki ijejwe ibisohoka n’ivyinjira y’Ubushinwa, ibijanye n’amadorari imiriyoni 14.980.000 z’abanyamerika agenewe umugambi wo kwubaka ibijanye n’ubuhinga bwa none "Internet".

JPEG - 12.1 ko
Piyo Ntavyohanyuma, umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi

Mu nama nshingamateka bazokwiga kandi n’integuro y’itegeko ijanye n’ihinyanyurwa ry’itegeko nimero 1/07 rigenga ubudandaji, integuro y’itegeko rijanye n’ihinyanyurwa ry’itegeko 1/07 rigenga amashirahamwe yigenga Reta ifisemwo imitahe, integuro y’itegeko rijanye no kudahabwa ingurane ku badandaza bamwe bamwe.

Kuri izo nteguro, hongerako kandi ibikorwa vyo gusuzuma ibikorwa vya Reta mu gutumira abagize Reta y’Uburundi kwishura ku bibazo vy’abashingamateka. Umukuru w’inama nshingamateka yamenyesheje ko abegwa bose n’amatora bahamagariwe gukomeza ibiganiro hamwe no kwama bakora ivyo biyemeje kugira amatora Uburundi bwimirije aze agende neza mu mutekano.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.