Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Mkombozi na Mkombozine nabo nyene ivy’urukundo babivuyemwo
Mkombozi na Mkombozine nabo nyene ivy’urukundo babivuyemwo
jeudi 5 Nyakanga 2013
Muri iyi minsi, abaririmvyi bo mu Burundi bariko bagenda bagirana ibibazo n’abakunzi babo. Mu minsi mikeyi iheze, icavugwaga kwari uguhebana kwa R-Flow yari asigaye yitwa King Chanelle, n’uwahoze ari umukunzi wiwe Chanelle yari asigaye yitwa Queen Flow. Ubu rero, abagezweko ni Mkombozi na Shalfa azwi nka Mkomozine. Bompi bamenyesha ko ivy’urukundo rwabo babivuyemwo.
- R-Flow na Chanelle bagikundana
Mkombozi aganira na IGIHE yishuye ati : "Muvy’ukuri jewe ubu ivy’urukundo ntavyo ndimwo, ahubwo umukunzi wanje muri iyi minsi ni umuziki. N’aho abavuga ko Shalfa twoba tugikundana, nibabireke kuko vyaraheze. Ubu ndamufata nk’abandi bose.
- "Muvy’ukuri jewe ubu ivy’urukundo ntavyo ndimwo, ahubwo umukunzi wanje muri iyi minsi ni umuziki.
Yabandanije avuga ko ico azwiko ari umuziki, nayo urukundo rwo arufise ku banyagihugu bose, mbere n’abandi bose bumva indirimbo ziwe, ati : "Ndarambiwe no kuja mfata umwanya nsobanura ibikorwa vy’urukundo hako nowufata nsigura ibikorwa vy’umuziki wanje."
N’aho Shalfa we avuga ko bimenyerewe kuvuga ko Mkombozi ariwe yamuhevye, ariko noneho yagize ati : "Maze kubona no kubwirwa kenshi ko Mkombozi amvanga cane, mbere no mu minsi yahera namufatiye mu nzu y’uburaro nkeka ko yari kumwe n’abandi bakobwa canke yari abarindiriye. Gusa umufana umwe w’uwo muririmvyi yatubariye ko Mkombozi yariko yandika indirimbo yiwe nshasha."
- "Maze kubona no kubwirwa kenshi ko Mkombozi amvanga cane
Shalfa rero, inyuma yo kwumva no kubona ko Mkombozi amubesha, yaciye afata intumbero yo kurekana nawe. Birumvikana rero ko abo bompi bariko barahakana ivy’urukundo rwabo, kandi bakaba babihurijeko ko barekanye burundu.
Joel Sengurebe
Messages
5 Myandagaro 2016, 17:16, par Banzubaze Sostene
Ntamwana Baribafitaniye?