Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
UPRONA : Inyuma yaho bankiwe kwinjira ku Mugumya, baciye bihereza (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > UPRONA : Inyuma yaho bankiwe kwinjira ku Mugumya, baciye bihereza (...)

UPRONA : Inyuma yaho bankiwe kwinjira ku Mugumya, baciye bihereza amabarabara y’igisagara

mardi 4 Ntwarante 2014

Umunsi mukuru w’urwaruka mparaniramajambere rwa Rwagasore wabaye ukuri kwamye aho biginye imyaka 47 bamaze babayeho, n’aho Francis Ngaruko avugira UPRONA irongowe na Concilia Nibigira, yari yavuze ko uwo munsi utaba batabasavye uruhusha, agasaba abo ba JRR kugirira uwo munsi mukuru mu ngoro yabo iri muri komine ya Ngarara.

Mu rugendo abo ba JRR bagize mu mabarabara y’igisagara ca Bujumbura, bari kumwe na bamwe mu bashingamateka ndetse n’uwatowe na komite nkuru y’uwo mugambwe kugira arongore UPRONA, umushingamateka Karori Nditije bakaba bagize ikarashishi hamwe n’abo ba JRR. Imbere y’uko batangura urugendo, abo ba JRR bakaba bari baroye ku ngoro yabo ku Mugumya, ariko ntibemererwa kwinjira, baca baragira urwo rugendo, rwabashikanye kuri Jardin Public, ahavugiwe ijambo nyamukuru ry’uwo munsi.

Umushingamateka Karori Nditije avuga ko ariwe arongoye UPRONA

Ari kumwe n’aba JRR isinzi hamwe n’abandi badasigana eka n’abakenyezi bari muri uyo mugambwe, umushingamateka Karori Nditije avuga ko ariwe arongoye UPRONA yavuze ko bitebe bitebuke azinjira mu ngoro y’umugambwe arongoye, ari kumwe n’Abadasigana isinzi bemera uburongozi bwiwe. Yasavye abirukanywe muri uyo mugambwe, abo ndetse we yita ko bahemutse, bagahemukira umugambwe wa RWAGASORE, kubavira mu mugambwe, bakaja mu mugambwe bashimye gufashanya gusambura UPRONA izuba riva.

Fyonda hagati, wirabire ukwo urwo rugendo rari rumeze, mu kavura ko kuri uyu wa 4 Ntwarante, kuri uyo munsi mukuru wa JRR

Tukaba twobamenyesha ko muri ivyo birori vyo kwigina iyo myaka 47 bamaze babayeho abo ba JRR, bagumye bakurikirwa n’umuduga w’igiporisi, aho abo badasigana babona ko ryari nk’iterabwoba bariko baragirwako, mu gihe bari bafise na bimwe mu vyuka bikoroza amosozi. Bamwe batangazwa n’ukuntu iminsi mikuru y’imbonerakure za CNDD-FDD iba atawuriko arabiruka inyuma ababuragiza, ariko bo bakaba bagumye bagendanirwa n’umuduga w’igiporisi inyuma y’abo. Abo ba JRR bati: ’’Igiti kirakurira mu babaji’’, eka ndetse bakavuga ko batagiye guhagarika kuja ku Mugumya, mpaka basubijwe ingoro y’umugambwe wabo.

Muri urwo rugendo, abo badasigana baciye mu barabara yitirirwa uwo mugambwe washikanye Uburundi ku ntahe yo kwikukira. Batanguriye kwibarabara ryitiriwe Nicolas Mayugi uwo nawe yahoze arongoye uyo mugambwe UPRONA, baca baja ku kibanza c’ukwikukira, baraheza badugana ibarabara ryitiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore uwarondeye intahe yo kwikukira Y’UBURUNDI, ari nawe yatanguje uyo mugambwe, mu nyuma bafata ibarabara ryitiriwe urwo rwaruka rwa JRR, mu nyuma urwo rugendo rwarangiriye kw’ibarabara ryitiriwe Pierre Ngendandumwe yabaye umushikirangoma wa mbere w’Uburundi, ku ntwaro ya UPRONA. Muri ayo mabarabara yose, bakaba bagenda barahitana n’abari imbre y’amazu yabo, babakurikira, canke babadugiriza intoke zitatu, ikimenyetso c’uwo mugambwe.

Kurikira ijambo ry’umushingamateka Karori Nditije yahaye abamenyeshamakuru ( mu rurimi rw’igifaransa):

Umushingamateka Gloriose Ntawe yatowe mu gisagara ca Bujumbura
Umushingwamanza Patrick Nitegeka arongoye JRR mu gisagara ca Bujumbura

Video de Fabrice Iranzi et Luc-Noel Ingabire


Aristide Nizigire

Messages

  • Na jewe ndi umu jrr ndabashigikiye

  • aba dd mudacunze neza kudeta yamose

  • aba dd mudacunze neza kudeta yamose

  • Aho aboba JRR barusha inguvu abontavuze mbabajw gusa nurwaruka bariko baburagiz bakaruteshaumwanya wokwiyumviibizobafasha murikazoza kabo ukuri nimutakura amaboko mumpuzu ngo mukore uprona niyindi mihari ntakizima bazobashikanako uzokwama urya ikiremv ucirashe nayahandi mukorera abobatama babashuka uwuri nugutwi yumve ico mpwemu aburira amashengero

  • MURATURABIRE NTIBAGIRE NKAMBERE KUKW AKATARETSE KABA GASEMA.

  • Président NDADAYE yavuze ati:"Muzokwica NDADAYE ariko ntimuzomara BANDADAYE"
    Coup d’etat ya NDADAYE yarabaye,n’ukumwica baramwica ariko iya BANDADAYE si yororo! Muragenda neza!

  • Uwo mututsi Nditije yiyise umuhutu,aho arazi akamaro kaba JRR!Nabantandukanirize sans echecs b’72!acambwira nico yamaze mu mugambwe wiwe mugukingira abahutu igihe wabica bigacika!!

  • Abo biyita aba JRR icobitwaje nigiki?ahubwo nibavuge kwarI umuhari ugwana tubimenye.abo bameze nkaya nyondwi. Yumiye kurushato inka yariwe kera.

  • Reka gut,amajambo ejo muri mubuhungiro za mutabira nahandi muzavuga ngo mwarahenze abahutu ntimugirubwenge namba!

  • Uprona oye Nditije oye ,.mbega oko gashavu ga mwana wamama King et Ahamed nakiki?!#_ iguvu nazo wabajije bafise Rep ukuri nizoguvu, mbega,ndakubaze King et Ahamed harico aba jrr.baguheraniye ncanke uprona ibaze igituma ubanka niwasanga ufise inyishu unyishure muzoba mukoze ok

  • Ubuna batabacungeraga umutekano kugiraga urubanza rwabazindukanye mururangize mumahoro nayo kuvuga ngo bariko babater’ubwoba sivyo bakoze kubarinda kuko iyo baja kubishaka bari kubahonda murabona ngo na bamanika buriya butoki.gusa mbony’uburundi mwarose fridom kuko bari bubakubite rwose.

  • Basha je nzobareka nibahamvye bagenzi nano mûri Congo tubamokorere Hamme mafieux uwuzorukarisha ruzomumwan’ukuri bboss babireba

  • ABARUNDI TURAGOWE!!ABA PORONA BAZOTANGA AMAHORO RYARI KWELI!KUVA 72 BAKERERA ABANTU,MURI 88 BARABANDANYA,93 HOHO BAHERA KURI PREZIDA BICA KUGERA KURI NYARUCARI N IYINDI MYAKA UMUNTU ATOKWIRIGWA ARAVUGA,NONE N AMAHORO TWARI DUTANGUYE KURONKA BARUNGITSE ABANA BABO BABANDANYE IVYO BA SE BATAHEJEJE GUKORA,MUGABO IMANA YATURINZE PLUS DE 40 ANS NUBU IRATUBONA,AKA GAHUGU NIGATO MUGABO TUZOKABAMO TWESE.MANA FASHA ABARUNDI!!!

  • Aba bana banyibukije udusore tw’inkotanyi hagati ya ’90 na ’94 twaboneka nk’ututazotsinda urugamba ariko nya dusore twararashe interahamwe ga yemwe ivumbi riratumuka, abasoda ba MOBUTU bamanika amaboko bata inkoho abandi barishikana ku nkotanyi. namwe rero bahutu mutazi kwigishwa n’ibiriko biraba ndabakebuye, nta gihugu gihonyanga ubwoko bumwe ngo kigire amahoro. Petero nkurunziza ikebuke bigishoboka. kuko intambara igeze ku muryango nawe ukiri mw’itiro

  • Buke buke biriko biraza n’abatari baje bazokurikra mu minsi iza.

  • Nimubareke nambatawo bariyurwara, pusa polisi ibehafinahafi, imbonerakurenazo ndabona ziciye mwayamayeri yazo ndabona zinjiyemwo mukumanika intokezitatunazo zivuyemwo abandi nabonye batoze kumabarabara baduza intokezitatugusa, genda mbonerakure mwarize!!!

  • Nosaba ko mwebwe muvuga ivya COUP D’ETAT, mworeka gutera umutima mubi abarundi mubibutsa iyanyuma nubu bakinovora, mwotuma benshi bibuka 1993 ugasanga réaction iraturuhije cane. Jew muri 1993 niga mu 7em ivyo nakuriyemwo imana ntigasubire kwemera ko binshikira ngo nabo ndiko nvyara babibone, twocika twese intare. Ntihagire umuntu cane cane umu UPRONA yorota ivyo, wosanga yicujije ndavye uburakari buri mubakubitswe COUP d’Etat 1993. Ntimwobakira ngo ni ISEGENYA RY’UBUMWE.

  • Je vous soutiens, et bonne fête àtous les JRR et au UPRONISTES. Du reste, abafise ubwoba mutekane abahungabanya umutekano bari inyeshamba za dd, uwutabizi ninde aho mutigirishije.

  • Uprona ganza uprona tsimbatara.nzorinda mva kw’isi shigikira umugambwe waharaniye ukwikukira kw’Abarundi,kandi nzowuraga nabazonkomokako bose.tugire ijambo mumu gambwe wacu(uprona)niwo watureze.

  • mbe basha utwo tugabo nutwo dukekuru aho kurya utwo twarimye tukarindira urupfu,ngo tugomba politiki ubwo se ihakiri imeenea?mbese utwo tu jrr umenga ntiturya tuzamarira iki mporona?temba temba mporona amavyi ntasubira mu nyo

  • Rwaruka mwese muri mwuwo mugambwe IPRONA ndabasavye muve inyuma yabo Bazeee,kuko abo batama barakwije,ivyisi vyose barabironse,ibindi nivyo basahuye,abo BATAMA basigaje kwitaba IMANA gusa,kandi mutaravye neza bazobahitanisha,usange mubatanze gupfa,kandari bategerezwa gutangura gupfa kuko aribo bashaje kubarusha,GWARUKA mumenye ko igiturumbwe kiraca kurihiye,IGITURUMBWE nimwebwe ugwaruka,IRIHIYE naryo nabobasaza mwiruka inyuma,ndashigikiye uwitwa NTIHEBUWAYO Isai na MAMA,kuvyiyunviro vyiza mwashikirije,ndabakunze caaane.nkanka abantu batukana muvyiyunviro vyabo bibishe bavuga,abonabo baririmba intambara mwibaza iramutse ibaye nkuko muvyifuza nibande bohunga(??????!!!!!),reka gukina numuriro mwamburakimazimwe.muzokwumigwa basha.ntaca ndababwiye,Hariho umuririnvyi w,Umurundi yaririmvye ngo INTOZI ZIZOBARYA BASHA!,

  • reka bagabo uburundi bwaragowe.ab birirwa baraturirw nab porona

  • reka bagabo uburundi bwaragowe.ab birirwa baraturirw nab porona

  • None ga IGIHE.BI,iriko irafasha mporona kwiyamamaza?

    erega har’ibintu IGIHE.BI yari ikwiye kumenya: ntawurwaza umupfu.

    Kuko mporona ifise uruvugo rubi ku bibi binuka yakoreye abenegihugu igihe yari yitwaje igikenye.

    mu bisanzwe:
    agaciwe karuma;agapfuye na ko kakabazwa ivu.

  • Giramahoro mbe weho uwomwanya uwukurahe ?Ngira ntakindi ufise ukora ?Erega uhinduye izina ntuhingure iciyumvira turakumenya?mama,....ndaguhunure wikebuke ukore ibikuraba ivyo navyo ubureke bigutesha umwanya kandi ntaco bikungura!ubona bizoguha umufuko w’isima?

  • Nibareke uwo mugambwe wa Rwagasore kuwuburagiza burya aba porona barashoboye kwitunganiriza ata butegetsi bugiyemwo

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.