Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Inyuma yo gusaba imbabazi, ivyo yari yateguye azovyerekana mu giteramo kije (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > SAT B > Inkuru > Inyuma yo gusaba imbabazi, ivyo yari yateguye azovyerekana mu giteramo kije (...)

Inyuma yo gusaba imbabazi, ivyo yari yateguye azovyerekana mu giteramo kije vuba

samedi 6 Nyakanga 2014

Sat B ahejeje gusaba imbabazi imbere y’abamenyeshamakru akanabasaba kumusabira imbabazi abakunzi biwe iyo bava bakagera, yaciye atangaza igiteramo. Ashaka kwerekana ibitangaza vy’intambo n’indirimbo yari yateguye ku munsi wa nyuma wa Primusic.

JPEG - 40.7 ko
Igihe Sat B yariko asaba imbabazi

Igiteramo ca Sat b kizoba ari igiteramo mbonekarimwe mu biteramo bitegurwa n’inzu y’ubuhinyanyuzi "Africana Sound Records". Mbonekarimwe kuko kiretse ko citirirwa Sat B aho ariwe azoba afise umwanya munini kubera afise vyinshi, n’abandi baririmvyi bose bafitaniye amasezerano n’iyo nzu niho bazoba bari. Bamwe muri abo ni nka Kiki Toure aherutse kuronka ikibanza ca kabiri muri Primusic 2014, akaba ari na mushasha muri African Sound Records. Abandi ni Happy Famba, Emery Sun, Black J, Lolilo, Mkombozi, n’abandi.

Kiretse abo bafitaniye amasezerano, Fariouz ntazotangwa. Eka n’ururirimbo "Wezere" bakoranye na Sat B ruzoririmbwa. Ikindi twoca tubabwira n’uko ururirimbo" Latifa" Sat B na Fizzo bakoranye baruhevye ari nako gukora "wezere", ivyo bivugwa na Sat b. Ico giteramo kizoba kw’igenekerezo rya 05 Gitugutu, mu kigo ndangakaranga c’i Bujumbura (Musée vivant). Kizotangura igihe c’isaha umunani z’umurango, ikindi gishasha n’uko kizotangura ku masaha categuriweko.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.