Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Inyuma yo gusomana umwanya munini barahawe agashimwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Inyuma yo gusomana umwanya munini barahawe agashimwe

Inyuma yo gusomana umwanya munini barahawe agashimwe

vendredi 15 Ruhuhuma 2013

Umugore n’umugabo bo mu gihugu ca Thailande barahawe agashimwe k’umunsi witiriwe abakunda wahimbajwe kuri uno munsi wa kane igenekerezo rya 14 Ruhuhuma,kuko bashoboye gusomana umwanya munini.

Ako gashimwe kitwa “The Longest Continuous Kiss” ,agashimwe kahawe umugore n’umugabo bo mu gihugu ca Thailande babaye aba mbere basomanye amasaha 58 n’iminota 35 n’amasegonda 58.

Uwo niwo mwanya wa mbere m’uwo kw’isi abantu basomanye nk’uko vyamenyeshejwe n’abatunganije iryo higanwa.

Abaheruka gutsindira iryo higanwa bari bamaze amasaha 50 n’iminota 25 n’umusegonda umwe abo nabo ngo bakaba baruhutse iminota ibiri gusa.

JPEG - 6.1 ko

Abatsindiye ako gashimwe yari umugabo afise imyaka 44 hamwe n’umugore wiwe afise imyaka 33 babahaye amafaranga y’amanyaburaya agera kuri 2.500 baca baronswa impeta zibiri z’umwakaka(diamant). Uwo mugore n’uwo mugabo bakaba aribo bari batahukanye ako gashimwe mu mwaka w’2011.

JPEG - 9.5 ko

Imigwi y’abantu 9 bahiganwe harimwo umutama n’umutamakazi wiwe b’imyaka irenga 70 bari baje no guhimbaza imyaka 50 bamaze bubakanye vyarabagoye kuko baciye baruha kare kuko bategerezwa gusomana bahagaze,kikaba carazira kw’icara.


Grace Irimbere

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.