Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Fariouz > inkuru > Umunsi wo gukundana hagati ya Fariouz na Kiyoyo Juma
Umunsi wo gukundana hagati ya Fariouz na Kiyoyo Juma
samedi 17 Nzero 2015
Inyuma yo guterana amajambo mabi hagati ya Kiyoyo Juma na Fariouz bapfa amahera, abo bagabo babiri bagiye gusubiza hamwe vuba mu giteramo kizoba ku munsi mukuru w’abakundana.
Intango yo guterana amajambo mabi hagati ya Fariouz n’uwahora amufasha gutegura ibiteramo vyo hanze Kiyoyo Juma yavuye ku biteramo uwo wa nyuma yari yateguriye Fariouz muri Afrika y’Epfo Fariouz akabisiba. Abisivye Kiyoyo Juma yarashavuye cane kubera amahera yavuga yakoresheje yiteze ko azoyagaruza mu biteramo vya Fariouz. Fariouz nawe yisigura avuga ko yagize ingorane za Visa. Vyashitse aho Kiyoyo Juma avuga ko azokwitwarira Fariouz canke amufatire aho bazohurira hose kubera amahera yavuga ko yamusesaguje. Fariouz rero amaze iminsi ari mu gihugu c’Ubufaransa.
Abarundi bati:" Ababipfa n’ababisangiye", Kiyoyo Juma ahejeje gutangaza igiteramo yise co gusubiza hamwe na Fariouz. Yanditse ati:"Valentines day (Umunsi mukuru w’abakundana)n’umunsi jewe na Fariouz tuzokwuvikana, muzoze kwirabira muri benshi ico giteramo".
Turashimye intambwe abo bagabo babiri bagize yo gusubiza hamwe no kwemera gusubira gukorana, tubasaba kandi ko bozibira aho hose hashobora kuva indyane hagati yabo kuko izo ndyane ziraca intege kandi zikagabanya umwanya w’ibikorwa.
Igiteramo ni kw’igenekerezo ry’umunsi mukuru w’abakundana "Saint-Valentin (14 Ruhuhuma 2015) i Anvers mu Bubirigi. Soma ibikurikira aha munsi ku rupapuro ntangaza giteramo.
Cherif Nkeshimana
Messages
17 Nzero 2015, 19:08, par jean
Ubwo ico gifaransa canditswe kuri iyo affiche ntasoni kibatera?
17 Nzero 2015, 20:16, par Siraa
None uwo Fariaz ko yavuze ko kiyoyo djuma ari umusuma mutubarize ,,vyoba arivyo???Kuko abandi baririnvyi baramwinuba goseeee
17 Nzero 2015, 22:43, par jean
Aho ico gifaransa canditse kuri affiche ntasoni kibatera?
18 Nzero 2015, 20:31, par Francois
Ico gi farancsa twabajije ngo canditswe na Kiyoyo Djuma ..erega ntiyize muga baratumaramaje kabisa ni babikosore Rarundi barundikazi...
19 Nzero 2015, 01:35, par Francois
None barakundana??? Erega bose bafise ingeso mbi birashoboka ko boba bakundana hagati yabo hahaha Ewe wasiiiiiiiii
13 Ruheshi 2015, 23:27, par Seth
Mbegananjenoronka umugenzigute?