Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Cristiano Ronaldo yaguye apfukamye inyuma yo kunywa umuti bavugutiwe na (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Cristiano Ronaldo yaguye apfukamye inyuma yo kunywa umuti bavugutiwe na (...)

Cristiano Ronaldo yaguye apfukamye inyuma yo kunywa umuti bavugutiwe na Juventus

mercredi 6 Rusama 2015

Inkino z’igice ca kabiri gishira ica nyuma muri rya higanwa rikomeye ry’i Buraya "Champions Ligue" cuguruwe n’ugutsindwa ku murwi Real Madrid na Juventus de Turin.

JPEG - 164.4 ko
Cristiano yaguye apfukamye inyuma yo gutsindwa

Ku kibuga ca Juventus de Turin umurwi wo mu Butaliyano, hasekaniye imirwi ikomeye yashoboye gushika mu gice ca kabiri gishira ica nyuma c’inkino za Champions League. Juventus yakinishije abakinyi nka: Buffon; Lichtsteiner, Bonucci, Chiellini, Evra; Pirlo, Marchisio, Sturaro(Barzagli 64); Vidal; Morata(Llorente 78), Tevez(Pereyra 86) .
Ku ruhande rwa Real de Madrid hakinye: Casillas, Carvajal, Pepe, Varane, Marcelo; Rodriguez, Ramos, Kroos, Isco (Hernandez 63); Bale (Jese 86), Ronaldo.

JPEG - 114 ko
Tevez ahejeje kwinjiza Penalty

Umurwi wa Juventus watanguranye inguvu zidasanzwe kugira bikunde ku kibuga cabo bahakure intsinzi n’abakunzi bawo bawugirire icizere. Ku mupira wateguwe neza na Carlos Tevez awuhereza Alvaro Morata maze ku munota w’i 9, umunyezamu Casillas wa Real Madrid arinjizwa igitsindo ca mbere. Naho biri uko, Real Madrid ntiyari yicaye naho vyaboneka ko Juventus yayirushije, ku munota wa 27, ku mupira uvuye kwa James Rodriguez, Cristiano Ronaldo yinjije umunyezamu Gianluigi Buffon, igice ca mbere gihera ari 1-1.

JPEG - 217.2 ko
Cristiano Ronaldo yerekana inguvu igice ca mbere giheze

Igice ca kabiri naho nyene ntivyoroheye Real Madrid, kw’ikosa rivuye kwa Carvajal ryavuye Penalty, Carlos Tevez yinjiza igitsindo ca 2-1. Kuva uwo mwanya, Ancelloti yagerageje kurondera igitsindo co kunganya mu guhindura abakinyi ariko bimuta ku w’amazi. Urukino rurangira ari 2 vya Juventus kuri 1 ca Real Madrid.

Kw’igenekerezo rya 13 Rusama, Real izokwakira Juventus mu rukino rwo gusubiza kandi isabwa gutsinda kimwe n’imiburiburi kugira ibandanye mu gice ca nyuma ca Champions League.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.