IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Inyungu zihari mw’iyinjizwa ry’Uburundi mu karere ka Afrika y’Ubuseruko

Inyungu zihari mw’iyinjizwa ry’Uburundi mu karere ka Afrika y’Ubuseruko

mardi 24 Nyakanga 2013

Iyinjizwa ry’Uburundi mu karere ka Afrika y’Ubuseruko ni inyungu ku Burundi kuko bituma haba imigenderanire ishitse n’ibindi bihugu bigize uwo muryango.

Ihanahana ry’ibidandazwa vyinjira mu gihugu ata ntambanyi zihabaye n’igabanuka ry’ibiciro ry’ibidandazwa bivuye mu bihugu bigize Afrika y’ubuseruko, ni bimwe mu ngaruka nziza zihaba ku Burundi mw’iryo yinjizwa mu karere ka Afrika y’Ubuseruko.

Mu biranga iryo hanahana ry’ibidandazwa, twovuga umwidegevyo w’uruja n’uruza rw’ibidandazwa n’urw’abantu, uburenganzira bwo kuba ku butaka bwa kimwe mu bihugu bigize Afrika y’ubuseruko, igiciro kimwe c’ibidandazwa, ifutwa ry’ikori ku bidandazwa bimwe bimwe, n’ibindi.

Kuri uno munsi wa kabiri wa 24 Nyakanga 2013 akaba ariho hatanguzwa ku mugaragaro isekeza ry’ibikorwa vyo kwigisha abanyagihugu bose inyungu y’iyinjizwa ry’Uburundi mu karere ka Afrika y’ubuseruko.

Mw’ijambo ryiwe ryo gutanguza iryo sekeza, umushikiranganji ajejwe iyinjizwa ry’Uburundi mu kerere ka Afrika y’ubuseruko, Léontine Nzeyimana, yamenyesheje ko iryo sekeza rije gushimangira ibikorwa vyari bisanzwe bikorwa vyo kwigisha abanyagihugu ku vyerekereniye n’uyo mugambi, kugira abarundi bose baba ku butaka bw’Uburundi bamenye inyungu n’akamaro ko kwinjira mu karere ka Afrika y’ubuseruko.

Ku bijanye n’ihanahana ry’ibidandazwa vyinjira mu gihugu ata ntambanyi zihabaye, umushikiranganji yavuze ko ari ngirakamaro kuri ivyo bihugu vyose biri mu karere ka Afrika y’ubuseruko, kuko bituma hanaba igabanuka ry’’ibiciro kuri ivyo bidandazwa.

Umushikiranganji Léontine Nzeyimana aratera akamo abarundi bose kwitaba ibikorwa vy’umuryango w’ibihugu bigize Afrika y’ubuseruko (EAC), kwumviriza abo bagiye kubigisha akamaro n’ingaruka z’iyinjinza ry’Uburundi muri Afrika y’ubuseruko.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.