Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Inzara iri mu gihugu yerekanwa n’umurindi w’iduga ry’ibiciro - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Inzara iri mu gihugu yerekanwa n’umurindi w’iduga ry’ibiciro

Inzara iri mu gihugu yerekanwa n’umurindi w’iduga ry’ibiciro

samedi 31 Rusama 2014

Umurindi w’iduga ry’ibiciro ku bifungurwa ku masoko, urerekana ko mu Burundi hari inzara, vyashikirijwe na Gabriel Rufyiri arongoye ishirahamwe OLUCOME kw’izina ry’amashirahamwe 477 yiyemeje kurwanya ubuzima buzimvye.

Icigwa cakozwe mu ntara zitanu z’igihugu hagati y’ukwezi kwa Ndamukiza na Rusama, cerekana ko ibiciro vy’ibidandazwa vya nkenerwa vyaduze cane ku bice 50 kw’ijana harimwo igitoro ca essence n’i ciment nk’uko bishikirizwa na Gabriel Rufyiri mu kiganiro n’abanditsi n’abamenyeshamakuru. Ico cigwa cakozwe ahanini ku mfungurwa nk’umuceri, ibiraya, ibitunguru umuceri mu ntara za Ngozi ,Cibitoke , Gitega kayanza na Bujumbura Mairie. Gabriel Rufyiri aremera ko hari utwigoro twagiye dukorwa na Reta ,ariko rero amenyesha ko ubutunzi bw’igihugu butigeze bwisununura.

Mu mashirahamwe yishinze kurwanya ubuzima buzimvye basaba itunganywa ry’inama rukokoma yerekeye ubutunzi. Reta kandi yokurako amatagisi ku bidandazwa bimwe bimwe vya nkenerwa nk’uko yigeze kubikora mu gihe hibonekeza inzara.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.