Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Inzara mu Burundi si agaseseshwa rumuri - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Inzara mu Burundi si agaseseshwa rumuri

Inzara mu Burundi si agaseseshwa rumuri

mardi 18 Ruheshi 2013

Inzara mu Burundi ngo si agaseseshwa rumuri nk’uko ivyirwa bivyerekana, kuko ibice bigera kuri 58 kw’ijana vy’abarundi bafungura nabi, ariko ivyo bikaba bitumwa n’imvo zitandukanye harimwo ihindagurika ry’ikirere, uburimyi butifashe neza n’ibindi.

Ihindagurika ry’ibihe mu Burundi riri mu mvo nyamukuru zatumye umwimbu ugabanuka rwose, uwo nawo ugaca utuma ibidandazwa biduga, inzara nayo igaca yaka indaro mu miryango. Abanyagihugu b’abarundi ntibaramenyera uko ibihe bihindagurika ivyo bigatuma iyo babonye akavura gakorotse hasi, nabo baba bamaze gukubita isuka hasi, hari naho uca usanga iyo mvura iguye iryo rimwe nyene, ikazosubira haciye igihe, ivyo umurimyi yateragiye bigaca bihera mw’isi. Abahinga mu vy’indimo bakwiragiye mu mihingo myinshi y’igihugu bari bakwiriye n’ukwigisha abanyagihugu ibijanye n’ihindagurika ry’ibirere.

Ikindi naco, ni ukwo isi yatitutse ivyo bigatuma umwimbu ugabanuka cane. Abanyagihugu bavuga ko umwavu w’ikizungu uzimvye cane bigatuma bapfa guteragira ukwo nyene, umwavu wibitungwa nawo ntawo baronka narirya ibitungwa vyinshi vyahitanywe n’intambara, ikindi naco, isi yaraze, isi ndimwa ninto, irwirirana ry’abantu n’ibindi vyinshi bituma umwimbu ugabanuka cane.

Ikindi naco, n’ukwo n’intara zahora zigize ikigega c’igihugu, intara ziri mu gice c’Ubugesera, aho mu myaka iheze izo ntara zimbuka cane ibiharage, ubu bikaba vyaragabanutse bitumwe n’ihindagurika ry’ibihe.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.